مقدمة وغلاف المنتقى من موسوعة الأحاديث النبوية

مقدمة وغلاف المنتقى من موسوعة الأحاديث النبوية

Kw'izina ry'Imana Allah, Nyenimpuhwe ku biremwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo

Language: lang_rn
Prepared by:
Version: 1.0
Translations 63
Akan Amharic Assamese Azerbaijani +59
Attachments 7
PDF
Audio
Video
+3

Kw'izina ry'Imana Allah, Nyenimpuhwe ku biremwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo

INTANGAMARARA

Nihashimagizwe Imana Allah, Umubungabunzi w'ibiremwa vyose, amahoro n'impuhwe z'Imana Allah bisasagare ku Muvugishwamana wacu Muhamadi, ku muryango wiwe, ku ngendanyi ziwe zose no ku bazomukurikira gushika ku musi w'impera. Inyuma y'ivyo:

Mu vy'ukuri, ikintu gihambaye umwislamu ategerezwa kwitwararika mu kugisoma, mu kukizigama no mu kugitahura, mu kukimenya no mu kukigendera - kiza mu nyuma ya Qor'ani- ni inyigisho n'imigenzo vy'intumwa nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah. Intumwa (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yavuze iti: "Emwe bantu! Ndabasigiye ikintu, nimwaramuka mucisunze mukakigendera, ntimuzokwigera muhuba na rimwe inzira y'ukuri. Ico kintu na co si ikindi, ni Igitabu c'Imana Allah Qor'ani hamwe n'inyigisho n'imigenzo vy'Umuvugishwamana wayo". Yashikirijwe na Imaamu Maliki. N'Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere na Yo Yavuze Iti: "Ni uko rero, ico Intumwa y'Imana ibashikirije canke ibigishije, muracakira uko ikibashikirije; ico ibabujije kwakira canke gukora na co, murakireka" (Al-Hashr: 7). Ni kuri izo mvo rero, Ishirahamwe ryitaho gutunganya inyigisho z'ubwislamu mu ndimi zitandukanye, hamwe n'Ishirahamwe ryitaho ishikirizabutumwa (irarikiramana), uguhanura n'ugukaburira ubwenge bw'imiryango; rifise icicaro i Rab-wah, ryitaye ku rutare mu kwegeranya no mu gutegura ihurikiro ry'inyigisho n'imigenzo y'intumwa ku rubuga ngurukanabumenyi rwabigenewe, hamwe rero no kubisigura mu zindi ndimi.

Ni ukuri, Imana Allah Nyenuguhabwiteka nta ngere Yaroroheje kurobanura zimwe muri izo nyigisho, izikenewe n'umwislamu mu gutunganya ibijanye n'idini ryiwe hamwe n'ubuzima bwiwe bwo kw'isi, maze zirasigurwa mu ncamake hamwe n'ugusorongora amwe mu majambo n'ukwerekana rero inyungu zirimwo, gutyo zishirwa muri iki gitabu ciswe: "IZIROBANUWE MW'IHURIKIRO RY'INYIGISHO N'IMIGENZO Y'INTUMWA" Igikorwa co kuzisigura rero mu ndimi zose zandikwa kw'isi yose kirabandanya, mu ntumbero yo gushikiriza bose inyungu z'ibirimwo, gutyo inyigisho n'imigenzo y'intumwa bisasagare ku bantu bose kw'isi yose, mu ndimi zabo.

Turasavye rero Imana Allah ko Itwakirira kino gikorwa, Inakigire igikorwa gihezagiye gikozwe ku bwayo Yonyene, Yongere Igihembere umuntu wese yagize ico afashije mu kwegeranya izo nyigisho z'intumwa, mu kuzisigura no mu kuzisasagaza hose.

Harakagira amahoro n'impuhwe y'Imana Allah, Umuvugishwamana wacu Muhamadi.

INTANGAMARARA MU NCAMAKE

Inyigisho n'imigenzo y'intumwa, ni yo nkomoko igira kabiri mu nkomoko y'amabwirizwa y'ubwislamu. Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Yavuze Iti: "Kandi ntavuga yisunze ivyipfuzo vyiwe (3); Qor’ani n’imigenzo yiwe, si ikindi kiretse ko ari ihishurwa yahishuriwe n’Imana Allah" [An-Najm: 3-4].

Izi nyigisho zirobanuwe mw'ihurikiro ry'inyigisho n'imigenzo y'intumwa rero, hahurikiyemwo canecane inyigisho nkoramutima zimbitse, zikenerwa n'umwislamu mu gutunganya ibijanye n'idini ryiwe hamwe n'ubuzima bwiwe bwo kw'isi, zisiguwe mu ncamake hamwe n'ugusorongora amwe mu majambo n'ukwerekana rero inyungu zirimwo, ivyo vyose rero bikaba bisiguwe mu ndimi zitandukanye zivugwa kw'isi, mu ntumbero yo gusangiza abandi inyungu z'ibirimwo, hamwe rero no gusasagaza inyigisho n'imigenzo y'intumwa ku bantu bose hose kw'isi mu ndimi zabo.