Books
Books
IYUBAHIRIZWA RY'ISHIRWA MU NGIRO MU KUGENDERA INYIGISHO, IMICO N'IMIGENZO VY'INTUMWA N'IGARARIZA RY'UWUBIHAKANYE
CANDITSWE NA: Abdu l'Aziz Bin Abdallah Bin Baaz (nyakugira impuhwe z'Imana Allah) kw'izina ry'Imana Allah, Nyenimpuhwe ku biremwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo. INTANGAMARARA Ishimagizwa ni iry'Imana Allah, Umubungabunzi w'ibiremwa vyose; iherezo ryiza, ni iry'abagamburukiramana, amahoro n'impuhwe vy'Imana Allah, nibisasagare ku Muja wayo akaba n'Intumwa yayo, Umuvugishwamana wacu Muhamadi, yarungitswe kugira abere impuhwe ibiremwa (Amajini n'abantu); nibisasagare kandi ku muryango wiwe, ku ngendanyi ziwe zafashe nkama zigashikiriza abaje mu nyuma Igitabu c'Imana hamwe n'inyigisho, imico…
ININAHAZAMANA N'ITAZIRAMANA ZIVUGWA IGITONDO N'UMUGOROBA
kw'izina ry'Imana Allah, Nyenimpuhwe ku biremwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo ﴾ALLAAHU LAA ILAAHA ILLAA HUWA L-HAYYU L-QAYYUUM, LAA TA-AKHUDHUHUU SINATUN WALAA NAWM, LAHUU MAA FI SSAMAAWAATI WAMAA FI L-ARDWI. MAN DHA LLADHII YASH-FA’U 'INDAHUU ILLAA BI-IDH-NIHI, YA’LAMU MAA BAYNA AYDIIHIM WAMAA KHAL-FAHUM, WALAA YUHIITWUUNA BISHAY-IN MIN 'ILMIHII ILLAA BIMAA SHAA-A, WASI’A KURSIYYUHU SSAMAAWAATI WAL-ARDWA. WALAA YA-UUDUHUU HIF-DHWUHUMAA WAHUWA L’ALIYYU L’ADHWIIM﴿. "Allah, ni Yo Mana ata yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo, Nyenubugingo budashira nk’uko buyikwiye, Umuhagarikizi w’ibiremwa…
NI NDE YANDEMYE? NI NO KUKI YANDEMYE?
IKINTU COSE KIREREKANA KO HARIHO UWAKIREMYE Ni nde Yaremye amajuru n'isi hamwe n'ibiri hagati yavyo mu biremwa bihambaye ata n'uwoshobora kubihetura? Ni nde Yashizeho iyi ndinganizo itigera yihenda na rimwe mu kuntu itunganijwe mw'ijuru no mw'isi? Ni nde Yaremye umuntu, Akamuha amatwi, amaso n'ubwenge, Akamuha n'ububasha bwo kurondera ubumenyi no gutahura ukuri kw'ibishikira ibiremwa? Ni gute wosigura iyi ndinganizo itigera yihenda mu kungene ibihimba vyawe vy'umubiri hamwe n'ibindi binyabuzima bikora? Ni nde Yabitunganije mu kubiha indemo ibereye? Ni gute iyi si ihambaye n'ibiri kuri yo…
Ubwislamu ni idini ry'Umubungabunzi w'ibiremwa Allah
Kw'izina ry'Imana Allah Nyenimpuhwe ku biremwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo Imana yawe Rurema, ni nde? Iki ni co kibazo gihambaye cane ku biremwa, ni na co kibazo gikomeye umuntu ategerezwa kumenya inyishu yaco. Imana yacu Rurema Allah, ni Yo yaremye amajuru n'isi, Inatuma imvura igwa izananye mu kirere, Iraheza Inagisha hakoreshejwe amazi y'imvura ivyamwa n'ibiti kugira twebwe abantu dufungure kuri nya vyamwa, ibindi binyabuzima na vyo bibeshweho n'ibiti mu gufungura no kurisha; ni na Yo Yaturemye, Irema n'abavyeyi bacu, Yongera Irema n'ikintu ico ari co cose kibaho, ni na Yo Yatumye habaho…
الشهادتين
Iyo ushatse kwinjira mu bwislamu, usabwa kuvuga mw'ijwi ryumvikana ijambo ry'ukwemanga rikurikira, maze ukarivuga utahura neza kandi wemera insiguro yaryo, ugaca uvuga uti: "ASH-HADU AN LAA ILAAHA ILLA LLAAHU". (ndemeye ku mutima wanje ndavyatuye n'ururimi rwanje ko ata mana ibwirijwe gusengwa atari Imana Allah). Ayo majambo, asigura ko ata muntu n'umwe akwiye kwiyegerezwa mu bikorwa anasengwe kiretse Imana Imwe Rudende Allah. "WA-ASH-HADU ANNA MUHAMMADAN RASUULU LLAAH, WA-ANNA IISAA BNA MAR-YAMA HUWA ABDU LLAAHI WARASUULUHU". (ndemeye kandi ku kutima wanje, ndavyatuye n'ururimi rwanje, ko…
INGENE UMUVUGISHWAMANA (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) YASENGA
Igitabu cigisha ingene Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yasenga, nyakwubahwa Sheikh Abdu l'Aziz Bin Baaz (nyakugira impuhwe z'Imana Allah) yacanditse mu ncamake, mu majambo yoroshe no mu buryo butomoye, yisunze ivyanditswe vy'ukuri; kugira kirongore umwislamu mw'isengesho ryiwe. Ni ukuri yaratomoye muri iki gitabu inkingi z'isengesho "ar-kaan", ibikorwa mw'isengesho ku bw'imigenzo y'intumwa "sunnah", hamwe rero n'ukuntu ritunganywa "swifaat" uhereye ku gutunganya isuku ryaryo gushika kw'iramutsa "tasliim" mu kurisozera. Ivyo vyose rero, akaba yarabitomoye neza mu…