Skip to content
Surah List /

البَقَرَة

البَقَرَة is chapter 2 of the Quran and has 286 verses. This page presents it in full in the Uthmani script, with a verse-by-verse translation of its meaning.

286 Ayahs Surah No. 2
Go to ayah
Ikirundi · Gehiti
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

الٓمٓ

Alif Laam Miim. Ni zimwe mu ndome z’ururimi rw’icarabu, Imana Allah Yatanguje bimwe mu bisomwa vya Qor’ani, kugira Ihige n’Abarabu basanzwe bakoresha izo ndome, ko boshobora kuzana Aayah n’imwe isa mu mvugo na Qor’ani, birabananira. Ico gica kiba igitangaro cemeza ko Qor’ani ari Igitabu c’Imana Allah.

ذَٰلِكَ ٱلۡكِتَٰبُ لَا رَيۡبَۛ فِيهِۛ هُدٗى لِّلۡمُتَّقِينَ

Ico Gitabu ca Qor’ani nta makenga kirimwo kuko camanuwe n’Imana Allah. Ni uburongozi ku bagamburukiramana.

ٱلَّذِينَ يُؤۡمِنُونَ بِٱلۡغَيۡبِ وَيُقِيمُونَ ٱلصَّلَوٰةَ وَمِمَّا رَزَقۡنَٰهُمۡ يُنفِقُونَ

Abemera ibinyegejwe ibiremwa, bagatsimbataza amasengesho akwije ibisabwa ku mwanya wayo nk’uko bitegetswe, bagatanga ishikanwa-bwirizwa (Zakat) n’izindi mperezwa (Sadaka) mu vyo Imana Allah Yabahaye.

Explanation & meanings · 2
  1. Ukwemera, ni ijambo ryo kwemanga wemera ata makenga ko hariho Imana Imwe Rudende Allah, abamalayika bayo, Ibitabu vyayo, Intumwa zayo, umusi w’imperuka, ivyagezwe n'ishirwa mu ngiro ry'avyo: ineza n’inabi. Ukwemera rero, gutegerezwa gushimangirwa mu mvugo n’ingiro, maze umutima ukemanga, ururimi rukavyatura, ibihimba na vyo bigashira mu ngiro ivyo umutima wemanze.
  2. Ibinyegejwe ibiremwa, ni birya vyose umuntu asabwa kwemera kandi adashoboye kubimenya kiretse mu gihe bihishuwe n’Imana Allah, biciye ku Ntumwa zayo; nko kwemera abamalayika, Ubwami bw’ijuru n’umuriro udahera, n’ibindi.

وَٱلَّذِينَ يُؤۡمِنُونَ بِمَآ أُنزِلَ إِلَيۡكَ وَمَآ أُنزِلَ مِن قَبۡلِكَ وَبِٱلۡأٓخِرَةِ هُمۡ يُوقِنُونَ

N’abemera ivyo wahishuriwe muri Qor’ani ewe Ntumwa y’Imana, bakanemera n’ivyahishuriwe izindi Ntumwa zo hambere yawe, bakemera ata gukekeranya ibizoba mu buzima bw’inyuma yo gupfa.

أُوْلَٰٓئِكَ عَلَىٰ هُدٗى مِّن رَّبِّهِمۡۖ وَأُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡمُفۡلِحُونَ

Abo barangwa n’ivyo, ni bo bari mu nzira y’uburongozi bw’Imana yabo Rurema Allah. Abo ni na bo rero baronse intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.