Skip to content
البَقَرَة /

Ayah 237

2 : 237

Ayah 237 of البَقَرَة (2 : 237). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

البَقَرَة Ayahs 286
2 : 237

وَإِن طَلَّقۡتُمُوهُنَّ مِن قَبۡلِ أَن تَمَسُّوهُنَّ وَقَدۡ فَرَضۡتُمۡ لَهُنَّ فَرِيضَةٗ فَنِصۡفُ مَا فَرَضۡتُمۡ إِلَّآ أَن يَعۡفُونَ أَوۡ يَعۡفُوَاْ ٱلَّذِي بِيَدِهِۦ عُقۡدَةُ ٱلنِّكَاحِۚ وَأَن تَعۡفُوٓاْ أَقۡرَبُ لِلتَّقۡوَىٰۚ وَلَا تَنسَوُاْ ٱلۡفَضۡلَ بَيۡنَكُمۡۚ إِنَّ ٱللَّهَ بِمَا تَعۡمَلُونَ بَصِيرٌ

Nimwahukana n’abakenyezi rero inyuma yo gushingirwa, imbere yuko murangurana amabanga y’abubatse, mwaramaze kubagenera inkwano, ico gihe mutegerezwa kubahereza igice c’inkwano zumvikanweko, kiretse mu gihe abo bakenyezi bemeye kugiheba, canke abagabo bakemera kubahebera ikindi gice. Nimwaheberanira rero, ni vyo bizobegereza kurusha ku gutinya no kwumvira Imana Allah, kandi ntimuzokwibagire ineza n’ubugwaneza buri hagati yanyu. Mu vy’ukuri, Imana Allah ivyo mukora vyose Irabibona neza, ni Nyenukubona, kandi Izobibahembera.