Skip to content
البَقَرَة /

Ayah 25

2 : 25

Ayah 25 of البَقَرَة (2 : 25). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

البَقَرَة Ayahs 286
2 : 25

وَبَشِّرِ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ أَنَّ لَهُمۡ جَنَّٰتٖ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُۖ كُلَّمَا رُزِقُواْ مِنۡهَا مِن ثَمَرَةٖ رِّزۡقٗا قَالُواْ هَٰذَا ٱلَّذِي رُزِقۡنَا مِن قَبۡلُۖ وَأُتُواْ بِهِۦ مُتَشَٰبِهٗاۖ وَلَهُمۡ فِيهَآ أَزۡوَٰجٞ مُّطَهَّرَةٞۖ وَهُمۡ فِيهَا خَٰلِدُونَ

Ntumwa y’Imana! Shikiriza abemeye bakanakora ivyiza bitegetswe, inkuru ihumuriza ko bazohabwa imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi. Igihe cose bafunguriwe mu vyamwa vyayo bavuga bati: “Izi mfungurwa ni nk’izo twafungurirwa hambere kw’isi!”. Bazihawe zisa n’izo kw’isi ariko zidasusa. Bamaze kuzifungura, bazosanga zisangije akanovera. Bazoba rero bahafise n’abakenyezi basukuye batagira akanenge. Bazobamwo ibihe bidahera.