Skip to content
البَقَرَة /

Ayah 283

2 : 283

Ayah 283 of البَقَرَة (2 : 283). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

البَقَرَة Ayahs 286
2 : 283

۞ وَإِن كُنتُمۡ عَلَىٰ سَفَرٖ وَلَمۡ تَجِدُواْ كَاتِبٗا فَرِهَٰنٞ مَّقۡبُوضَةٞۖ فَإِنۡ أَمِنَ بَعۡضُكُم بَعۡضٗا فَلۡيُؤَدِّ ٱلَّذِي ٱؤۡتُمِنَ أَمَٰنَتَهُۥ وَلۡيَتَّقِ ٱللَّهَ رَبَّهُۥۗ وَلَا تَكۡتُمُواْ ٱلشَّهَٰدَةَۚ وَمَن يَكۡتُمۡهَا فَإِنَّهُۥٓ ءَاثِمٞ قَلۡبُهُۥۗ وَٱللَّهُ بِمَا تَعۡمَلُونَ عَلِيمٞ

Nimwaba muri ku rugendo mukabura umwanditsi, murahereza uwutanze ingurane ingwati agumana gushika arishwe ingurane yiwe. Nimwizerana, mukaguranana mutarinze kwandika, gutora ivyabona no gusaba ingwati, uwuhawe ingurane araheza rero yishure ingurane yizeweko, maze atinye Imana yiwe Rurema Allah ntahemuke. Niyihindukiza agahemuka naho, hakaba igihe baguranana hari ababona, muraheza mube ivyabona vy’ukuri ntihagire ico muzonyegeza. Uwuzonyegeza ico yabonye azoba ari nyenumutima wuzuye ivyaha, kandi rero Imana Allah ivyo mukora vyose Irabizi, ni Nyenubumenyikurivyose.