2 : 39
وَٱلَّذِينَ كَفَرُواْ وَكَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَآ أُوْلَٰٓئِكَ أَصۡحَٰبُ ٱلنَّارِۖ هُمۡ فِيهَا خَٰلِدُونَ
Nayo abazogarariza Imana Allah bagahakana bivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vyacu vyerekana ko hakwiye gusengwa Imana Imwe Rudende Allah Itabangikanywa, abo ni bo bantu bo mu muriro. Bazowubamwo ibihe bidahera.