Skip to content
البَقَرَة /

Ayah 222

2 : 222
البَقَرَة Ayahs 286
2 : 222

وَيَسۡـَٔلُونَكَ عَنِ ٱلۡمَحِيضِۖ قُلۡ هُوَ أَذٗى فَٱعۡتَزِلُواْ ٱلنِّسَآءَ فِي ٱلۡمَحِيضِ وَلَا تَقۡرَبُوهُنَّ حَتَّىٰ يَطۡهُرۡنَۖ فَإِذَا تَطَهَّرۡنَ فَأۡتُوهُنَّ مِنۡ حَيۡثُ أَمَرَكُمُ ٱللَّهُۚ إِنَّ ٱللَّهَ يُحِبُّ ٱلتَّوَّٰبِينَ وَيُحِبُّ ٱلۡمُتَطَهِّرِينَ

Muvugishwamana! Barakubaza ku bijanye n’ubutinyanka. Bishure uti: “Ubutinyanka burabangamye! Muririnda rero kurangura amabanga y’abubatse mu gihe abakenyezi bari mu butinyanka. Ntimuzohirahire rero ngo murangurane na bo amabanga y’abubatse gushika babuvemwo baheze bihumanure mu kwiyuhagira. Nibabuvamwo bakiyuhagira, muraheza murangurane na bo amabanga y’abubatse aho murekuriwe n’Imana Allah. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irakunda abigaya kenshi, Iranakunda abisukuye mu kwiyeza ivyaha n’umwanda”.