Skip to content
البَقَرَة /

Ayah 221

2 : 221

Ayah 221 of البَقَرَة (2 : 221). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

البَقَرَة Ayahs 286
2 : 221

وَلَا تَنكِحُواْ ٱلۡمُشۡرِكَٰتِ حَتَّىٰ يُؤۡمِنَّۚ وَلَأَمَةٞ مُّؤۡمِنَةٌ خَيۡرٞ مِّن مُّشۡرِكَةٖ وَلَوۡ أَعۡجَبَتۡكُمۡۗ وَلَا تُنكِحُواْ ٱلۡمُشۡرِكِينَ حَتَّىٰ يُؤۡمِنُواْۚ وَلَعَبۡدٞ مُّؤۡمِنٌ خَيۡرٞ مِّن مُّشۡرِكٖ وَلَوۡ أَعۡجَبَكُمۡۗ أُوْلَٰٓئِكَ يَدۡعُونَ إِلَى ٱلنَّارِۖ وَٱللَّهُ يَدۡعُوٓاْ إِلَى ٱلۡجَنَّةِ وَٱلۡمَغۡفِرَةِ بِإِذۡنِهِۦۖ وَيُبَيِّنُ ءَايَٰتِهِۦ لِلنَّاسِ لَعَلَّهُمۡ يَتَذَكَّرُونَ

Bislamu! Ntimukabire ababangikanyamanakazi batabanje kwemera bakaba abislamu. Burya umuguranokazi atagira shinge na rugero yemera Imana Allah, ni we mwiza ahimbaye kuruta umubangikanyamanakazi n’aho mwomugomwa. Ntimugashingire ababangikanyamana batabanje kwemera bakaba abislamu. Burya umugurano atagira shinge na rugero yemera Imana Allah, ni we mwiza ahimbaye kuruta umubangikanyamana n’aho mwomugomwa. Abo babangikanyamana ni bo rero bararikira abantu kuja mu muriro, Imana Allah na Yo Ikararikira abaja bayo ku burenganzira bwayo, kuja mw’idini ryayo ry’ubwislamu rizobashikana mu Bwami bw’ijuru no kugumirizwa akabanga ku vyaha vyabo ntibibahanire, Ikanatomorera abantu Aayah n’ingingo zayo kugira ngo bibuke baheze bikebuke.