Skip to content
البَقَرَة /

Ayah 145

2 : 145

Ayah 145 of البَقَرَة (2 : 145). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

البَقَرَة Ayahs 286
2 : 145

وَلَئِنۡ أَتَيۡتَ ٱلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡكِتَٰبَ بِكُلِّ ءَايَةٖ مَّا تَبِعُواْ قِبۡلَتَكَۚ وَمَآ أَنتَ بِتَابِعٖ قِبۡلَتَهُمۡۚ وَمَا بَعۡضُهُم بِتَابِعٖ قِبۡلَةَ بَعۡضٖۚ وَلَئِنِ ٱتَّبَعۡتَ أَهۡوَآءَهُم مِّنۢ بَعۡدِ مَا جَآءَكَ مِنَ ٱلۡعِلۡمِ إِنَّكَ إِذٗا لَّمِنَ ٱلظَّٰلِمِينَ

Ntumwa y’Imana! Abahawe Igitabu, n’aho wobazanira ivyemezo vyose vyemeza ko gutumbera amaja i Makka ari kwo kuri, kubera akagagazo ntibopfa bakurikiye ubutumbero bwawe mu gusenga. Na we ntushobora gusubira kandi ku butumbero bwabo. Eka mbere na bamwe muri bo nyene ntibakurikira ubutumbero bw’abandi mu gusenga. Ni ukuri, niwaramuka ukurikiye ivyipfuzo vyabo mu vyerekeye ubutumbero n’ibindi, inyuma y’aho ushikiriwe n’ubumenyi buvuye ku Mana Allah, mu vy’ukuri muri ico gihe, ni ukuri uzoba uri mu birenganije.

Explanation & meanings · 1
  1. Iyi Aayah, yega abislamu bose, ikabihaniza gukurikira ivyipfuzo vy’abahakanyi barwanya ubwislamu.