2 : 116
وَقَالُواْ ٱتَّخَذَ ٱللَّهُ وَلَدٗاۗ سُبۡحَٰنَهُۥۖ بَل لَّهُۥ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۖ كُلّٞ لَّهُۥ قَٰنِتُونَ
Abayahudi, abanaswara hamwe n’ababangikanyamana barakanagaye bavuga bati: “Imana Allah Yarigeneye umwana!”. Nininahazwe, ntikitirirwe umwana! Ahubwo ibiri mu majuru no mw’isi vyose ni ibiremwa vyayo, ni Yo Mugabe wavyo, kandi vyose vyicisha bugufi imbere yayo;
Explanation & meanings · 1
- Abayahudi bavuga bati: “Uzayiri ni umwana w’Imana”. Abanaswara na bo bati: “Masihi Isa mwene Mariyamu, ni umwana w’Imana”. Ababangikanyamana na bo bati: "Abamalayika, ni abakobwa b'Imana Allah".