Skip to content
البَقَرَة /

Ayah 60

2 : 60

Ayah 60 of البَقَرَة (2 : 60). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

البَقَرَة Ayahs 286
2 : 60

۞ وَإِذِ ٱسۡتَسۡقَىٰ مُوسَىٰ لِقَوۡمِهِۦ فَقُلۡنَا ٱضۡرِب بِّعَصَاكَ ٱلۡحَجَرَۖ فَٱنفَجَرَتۡ مِنۡهُ ٱثۡنَتَا عَشۡرَةَ عَيۡنٗاۖ قَدۡ عَلِمَ كُلُّ أُنَاسٖ مَّشۡرَبَهُمۡۖ كُلُواْ وَٱشۡرَبُواْ مِن رِّزۡقِ ٱللَّهِ وَلَا تَعۡثَوۡاْ فِي ٱلۡأَرۡضِ مُفۡسِدِينَ

Nimwibuke inema zanje Nabahaye muheze mushime, mwibuke n’igihe mwanyoterwa, Intumwa y’Imana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) ikabasabira ko mwohemburwa, Duca Tuyibwira Duti: “Kubita inkoni yawe kw’ibuye”, rica ricikamwo amariba cumi n’abiri angana n’imiryango yari ng’aho. Gutyo umuryango wose wikiza inyota kw’iriba ryawo bwite, Turaheza Tubabwira Duti: “Nimufungure “Manna” na “Salwa” mwongere munywe kw’iriba. Izo ni inema z’Imana Allah kuri mwebwe, kandi ntimukagenzwe n’ubwononyi kw’isi”.