Skip to content
البَقَرَة /

Ayah 120

2 : 120

Ayah 120 of البَقَرَة (2 : 120). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

البَقَرَة Ayahs 286
2 : 120

وَلَن تَرۡضَىٰ عَنكَ ٱلۡيَهُودُ وَلَا ٱلنَّصَٰرَىٰ حَتَّىٰ تَتَّبِعَ مِلَّتَهُمۡۗ قُلۡ إِنَّ هُدَى ٱللَّهِ هُوَ ٱلۡهُدَىٰۗ وَلَئِنِ ٱتَّبَعۡتَ أَهۡوَآءَهُم بَعۡدَ ٱلَّذِي جَآءَكَ مِنَ ٱلۡعِلۡمِ مَا لَكَ مِنَ ٱللَّهِ مِن وَلِيّٖ وَلَا نَصِيرٍ

Ntumwa y’Imana! Abayahudi n’abanaswara ntibazokwigera bakwishimira namba, kiretse hamwe wokurikira idini ryabo ukavavanura n’idini ryawe ry’ubwislamu. Babwire uti: “Uburongozi bw’Imana Allah muri Qor’ani ni bwo burongozi bw’idini ry’ukuri”. Niwahirahira rero ugakurikira ivyipfuzo vyabo kandi waramaze guhishurirwa Qor’ani, nta muhagarikizi n’umwe uzoronka agukura mu bihano vy’Imana Allah, eka mbere nta n’uwogutabara mu kugukingira nya bihano uzoronka.

Explanation & meanings · 1
  1. Iyi ngingo n’aho yavuzwe itumberejwe ku Ntumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imama Allah), iraba n’abo yarungitsweko.