Skip to content
البَقَرَة /

Ayah 248

2 : 248
البَقَرَة Ayahs 286
2 : 248

وَقَالَ لَهُمۡ نَبِيُّهُمۡ إِنَّ ءَايَةَ مُلۡكِهِۦٓ أَن يَأۡتِيَكُمُ ٱلتَّابُوتُ فِيهِ سَكِينَةٞ مِّن رَّبِّكُمۡ وَبَقِيَّةٞ مِّمَّا تَرَكَ ءَالُ مُوسَىٰ وَءَالُ هَٰرُونَ تَحۡمِلُهُ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةُۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗ لَّكُمۡ إِن كُنتُم مُّؤۡمِنِينَ

Umuvugishwamana wabo abandanya ababwira ati: “Ikimenyetso c’ubwami bwiwe, ni uko azoza afise isandugu ririmwo Tawurati mwanyazwe n’abansi banyu, harimwo n’ituze rivuye ku Mana yanyu Rurema Allah, hamwe rero na bimwe mu bisigi vyasizwe n’umuryango w’Intumwa y’Imana Musa n’uw’Intumwa y’Imana Haruna (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah), bikaza bireruwe n’abamalayika”. Mu vy’ukuri muri ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ikimenyetso gihambaye kuri mwebwe ko Twaluti yarungitswe koko kw’itegeko ry’Imana Allah nimwaba mwemera Imana Allah n’Intumwa zayo.

Explanation & meanings · 1
  1. Nk’inkoni n’ibisigarira vy’Imizingo yanditseko amabwirizwa Imana Allah Yahaye Intumwa Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah).