Skip to content
البَقَرَة /

Ayah 265

2 : 265
البَقَرَة Ayahs 286
2 : 265

وَمَثَلُ ٱلَّذِينَ يُنفِقُونَ أَمۡوَٰلَهُمُ ٱبۡتِغَآءَ مَرۡضَاتِ ٱللَّهِ وَتَثۡبِيتٗا مِّنۡ أَنفُسِهِمۡ كَمَثَلِ جَنَّةِۭ بِرَبۡوَةٍ أَصَابَهَا وَابِلٞ فَـَٔاتَتۡ أُكُلَهَا ضِعۡفَيۡنِ فَإِن لَّمۡ يُصِبۡهَا وَابِلٞ فَطَلّٞۗ وَٱللَّهُ بِمَا تَعۡمَلُونَ بَصِيرٌ

Nayo akarorero ka barya batanga amatungo yabo barondera gushimwa n’Imana Allah, no gutsimbataza ukwemera mu mitima yabo, ni nk’ak’umurima utotahaye uri ahantu hataramutse himbuka, haguye imvura nyinshi, gutyo umwimbu uva muri nya murima ukiyongera incuro zine; iyo muri nya murima hataguye imvura nyinshi iranyanyagira, amama yayo akaba akwiye kugira ngo umwimbu wiyongere. Burya Imana Allah ivyo mukora vyose Irabibona neza, ni Nyenukubona.

Explanation & meanings · 1
  1. Ni na ko abatanga ku bw’Imana Allah imperezwa zabo zaba nke canke nyinshi zakirwa zikagwizwa n’Imana Allah incuro nyinshi mu ndishi.