Skip to content
البَقَرَة /

Ayah 37

2 : 37

Ayah 37 of البَقَرَة (2 : 37). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

البَقَرَة Ayahs 286
2 : 37

فَتَلَقَّىٰٓ ءَادَمُ مِن رَّبِّهِۦ كَلِمَٰتٖ فَتَابَ عَلَيۡهِۚ إِنَّهُۥ هُوَ ٱلتَّوَّابُ ٱلرَّحِيمُ

Aho ni ho rero Adamu yaheza akerekwa n’Imana yiwe Rurema Allah amajambo yokoresha mu kwigaya, maze araheza arigaya hamwe na Hawa. Gutyo Imana Allah Iramwumvira, Iramubabarira. Mu vy’ukuri, ni Yo Nyenukwumvirabigaya, Yumvira abayitakambira mu biremwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.

Explanation & meanings · 1
  1. Ayo majambo ari mu Aayah ya 23, mu gisomwa Al-A’raaf, aho Adamu na Hawa batakamba bati: “Mana yacu Rurema Allah! Twirenganije mu gufungura kuri kirya giti. Nutatugumiriza akabanga Ukatubabarira iki caha twakoze, Ukanatugirira impuhwe, nta nkeka ko tuzoba mu bantu bahomvye ubuzima bwabo”.