2 : 133
أَمۡ كُنتُمۡ شُهَدَآءَ إِذۡ حَضَرَ يَعۡقُوبَ ٱلۡمَوۡتُ إِذۡ قَالَ لِبَنِيهِ مَا تَعۡبُدُونَ مِنۢ بَعۡدِيۖ قَالُواْ نَعۡبُدُ إِلَٰهَكَ وَإِلَٰهَ ءَابَآئِكَ إِبۡرَٰهِـۧمَ وَإِسۡمَٰعِيلَ وَإِسۡحَٰقَ إِلَٰهٗا وَٰحِدٗا وَنَحۡنُ لَهُۥ مُسۡلِمُونَ
Mbega mwa Bayahudi mwe! Mwoba mwari ivyabona igihe Yakubu yari ku mpfiro, igihe yegeranya abana biwe maze akabaraga ababaza ati: “Mbega bane banje, mu nyuma zanje muzosenga iki?”, maze na bo barishura bati: “Tuzosenga Imana yawe, Ikaba ari na Yo Mana y’abavyeyi bawe: Ibrahimu, Ismayili na Is-haka; Imana Imwe Rudende, kandi twebwe kuri Yo turi abislamu twicisha bugufi mu kuyisenga tutayibangikanya”.