Skip to content
البَقَرَة /

Ayah 113

2 : 113

Ayah 113 of البَقَرَة (2 : 113). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

البَقَرَة Ayahs 286
2 : 113

وَقَالَتِ ٱلۡيَهُودُ لَيۡسَتِ ٱلنَّصَٰرَىٰ عَلَىٰ شَيۡءٖ وَقَالَتِ ٱلنَّصَٰرَىٰ لَيۡسَتِ ٱلۡيَهُودُ عَلَىٰ شَيۡءٖ وَهُمۡ يَتۡلُونَ ٱلۡكِتَٰبَۗ كَذَٰلِكَ قَالَ ٱلَّذِينَ لَا يَعۡلَمُونَ مِثۡلَ قَوۡلِهِمۡۚ فَٱللَّهُ يَحۡكُمُ بَيۡنَهُمۡ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ فِيمَا كَانُواْ فِيهِ يَخۡتَلِفُونَ

Abayahudi n’abanaswara baratanyeko umwikomo, Abayahudi bati: “Abanaswara nta kuri barimwo”. Abanaswara na bo bati: “Abayahudi nta kuri barimwo”. Kandi umugwi wose muri bo usoma Igitabu cawo ko ari ngombwa kwemera Intumwa zose. Ni nk’uko nyene abatagira ubumenyi mu babangikanyamana bavuze ko uwuri mw’idini iryo ari ryo ryose na we nyene ata kuri arimwo, kubera iryo hazana rero hagati yabo. Burya rero Imana Allah ku musi w’izuka, Izoheza Ibacire urutunganye rugaragaza ukuri hagati y’abemeramana n’abagarariji ku vyo bahora bahazanako mw’idini, maze Ihembere umugwi wose ibikwiranye n’ivyo wakoze.