Skip to content
البَقَرَة /

Ayah 256

2 : 256

Ayah 256 of البَقَرَة (2 : 256). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

البَقَرَة Ayahs 286
2 : 256

لَآ إِكۡرَاهَ فِي ٱلدِّينِۖ قَد تَّبَيَّنَ ٱلرُّشۡدُ مِنَ ٱلۡغَيِّۚ فَمَن يَكۡفُرۡ بِٱلطَّٰغُوتِ وَيُؤۡمِنۢ بِٱللَّهِ فَقَدِ ٱسۡتَمۡسَكَ بِٱلۡعُرۡوَةِ ٱلۡوُثۡقَىٰ لَا ٱنفِصَامَ لَهَاۗ وَٱللَّهُ سَمِيعٌ عَلِيمٌ

Nta winjira mw’idini ry’ubwislamu ku gahato, kuko ryikwije kandi ritomoye, ukuri n’uburongozi biratomoye kuruta ikinyoma n’uguhuba. Uwugararije ibigirwamana vyo mu bwoko bwose agaheza akemera Imana Allah, ni ukuri nta nkeka ko aba afashe ipfundo ry’idini ritigera ripfunduruka. Burya Imana Allah ni Nyenukwumva, Irumva ibivugwa n’abaja bayo; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo bakora n’ivyo bazirikana, kandi Izobibahembera.

Explanation & meanings · 1
  1. Ibigirwamana vyo mu bwoko bwose “TWAAGHUUT”, ni ikiremwa ico ari co cose gisengwa mu gishingo c’Imana Allah, gishimishwa n’iryo sengwa.