Skip to content
البَقَرَة /

Ayah 3

2 : 3
البَقَرَة Ayahs 286
2 : 3

ٱلَّذِينَ يُؤۡمِنُونَ بِٱلۡغَيۡبِ وَيُقِيمُونَ ٱلصَّلَوٰةَ وَمِمَّا رَزَقۡنَٰهُمۡ يُنفِقُونَ

Abemera ibinyegejwe ibiremwa, bagatsimbataza amasengesho akwije ibisabwa ku mwanya wayo nk’uko bitegetswe, bagatanga ishikanwa-bwirizwa (Zakat) n’izindi mperezwa (Sadaka) mu vyo Imana Allah Yabahaye.

Explanation & meanings · 2
  1. Ukwemera, ni ijambo ryo kwemanga wemera ata makenga ko hariho Imana Imwe Rudende Allah, abamalayika bayo, Ibitabu vyayo, Intumwa zayo, umusi w’imperuka, ivyagezwe n'ishirwa mu ngiro ry'avyo: ineza n’inabi. Ukwemera rero, gutegerezwa gushimangirwa mu mvugo n’ingiro, maze umutima ukemanga, ururimi rukavyatura, ibihimba na vyo bigashira mu ngiro ivyo umutima wemanze.
  2. Ibinyegejwe ibiremwa, ni birya vyose umuntu asabwa kwemera kandi adashoboye kubimenya kiretse mu gihe bihishuwe n’Imana Allah, biciye ku Ntumwa zayo; nko kwemera abamalayika, Ubwami bw’ijuru n’umuriro udahera, n’ibindi.