Skip to content
Al-Baqara /

Ayah 197

2 : 197

Ayah 197 of Al-Baqara (2 : 197). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

Al-Baqara Ayahs 286
Surah · Al-Baqara
Ikirundi · Gehiti
2 : 197

ٱلۡحَجُّ أَشۡهُرٞ مَّعۡلُومَٰتٞۚ فَمَن فَرَضَ فِيهِنَّ ٱلۡحَجَّ فَلَا رَفَثَ وَلَا فُسُوقَ وَلَا جِدَالَ فِي ٱلۡحَجِّۗ وَمَا تَفۡعَلُواْ مِنۡ خَيۡرٖ يَعۡلَمۡهُ ٱللَّهُۗ وَتَزَوَّدُواْ فَإِنَّ خَيۡرَ ٱلزَّادِ ٱلتَّقۡوَىٰۖ وَٱتَّقُونِ يَٰٓأُوْلِي ٱلۡأَلۡبَٰبِ

Igihe co gushengerera ingoro ntagatifu iri i Makka ni amezi azwi. Uwuzozirikana rero kuyishengerera muri ayo mezi, kizoba kizira kuri we kurangura amabanga y’abubatse, kuvuga ibishegu n’ibindi bijanye na vyo, hamwe rero no guharira gutera urwanko n’ishavu mu gihe co gutunganya ibikorwa vy’ishengerera ry’iyo ngoro. Ico mugira cose mu vyiza, Imana Allah Irakizi kandi Izokibahembera. Muraheza rero munatekere impamba ikwiye mu rugendo rwo kuyishengerera, hamwe rero n’impamba y’ivyeza umutima. Mu vy’ukuri, impamba nziza ni igamburukiramana. Muheze rero muntinye Jewe Allah emwe bantu b’incabwenge!

Explanation & meanings · 1
  1. Ukwezi kwa cumi “Shawwaal”, ukwezi kwa cumi na rimwe “Dhu l-Qa’da” n’imisi cumi ya mbere mu kwezi kwa cumi na kabiri “Dhu l-Hijja”.