Kw'izina ry'Imana Allah Nyenimpuhwe ku biremwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo Mbega birashika aho wibaza uti: Ni nde yaremye amajuru n'isi hamwe n'ibindi biremwa bihambaye biri muri vyo? Ni nde Yashizeho iyi ndinganizo-ntasobwa y'ivyo biremwa itunganye itigera ihungabana?
Ubwislamu, ni idini rishingiye ku migenzo-ndemanwa, rihuye n'ubwenge nyabwo, rishikana umuntu ku kuroranirwa.
Kw'izina ry'Imana Allah Nyenimpuhwe ku biremwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo
Mbega birashika aho wibaza uti:
Ni nde yaremye amajuru n'isi hamwe n'ibindi biremwa bihambaye biri muri vyo? Ni nde Yashizeho iyi ndinganizo-ntasobwa y'ivyo biremwa itunganye itigera ihungabana?
Mbega itungana n'iturura ry'ibi biremwa bihambaye, ufatiye ku mategeko bigenderako bigakorera ku gihe ata kwihenda imyaka n'iyindi ata n'uguhungabana, rigenda gute?
Mbega none ibi biremwa, vyariremye? Kibure vyaremwe n'ubusa? Kibure vyabonetse gutyo gusa giturumbuka ata nteguro yabanje kubaho?
NI NDE YAKUREMYE?
Ni nde yashize iyi ndinganizo-ntasobwa itigera yihenda mw'ikorana ry'uduhimba tw'umubiri wawe, no mw'ikorana ry'ibihimba vy'ibindi binyabuzima?
Nta n'umwe yovyemera mu gihe yobwirwa ko iyi nzu yabonetse gutyo gusa ata n'umwe ayubatse! Canke akabwirwa ko iyi nzu yubatswe n'ubusa! Ni gute none bamwe mu bantu bemera uwuvuga ko iyi si n'ijuru n'ibirimwo vyabonetse gutyo gusa ata Wubiremye? Ni gute umunyabwenge yovyemera mu gihe yobwirwa ko iyi ndinganizo-ntasobwa itigera yihenda mu kuntu isi n'ijuru bibayeho, yabonetse gutyo gusa giturumbuka ata nteguro yabanje kubaho?
Ata kwihenda rero, burya biragaragara ko hariho Imana Ihambaye Ikaba na Rurema Itunganya isi n'ijuru n'ibiri muri vyo, na Yo Ikaba ari Allah Nyenukuninahazwa, Nyenuguhabwicubahiro nta ngere.
Umubungabunzi w'ibiremwa "Rabbu" Nyenukuninahazwa Yaturungikiye Intumwa, Yongera Azimanurira Ibitabu (ihishurwa ry'Ibitabu), Igitabu muhetuzi wa vyose, kikaba ari Qor'ani ntagatifu Imana Allah Yamanuriye Muhamadi, akaba ari na we Muhetuzi w'Intumwa z'Imana. Twisunze rero Ibitabu vy'Imana Allah n'Intumwa zayo, turashobora kwemeza ibi bikurikira:
* Imana Allah Yaratwidondoye uko Iteye, amazina n'amatazirano yayo, Iranatumenyesha agateka kayo Idufiseko n'agateka kacu tuyifiseko.
* Yaratumenyesheje ko ari Yo Mubungabunzi w'ibiremwa Yaremye ibiremwa vyose, n'uko ari Yo Nyenubugingo budashira Idahwera, n'uko ibiremwa vyose Ibifise mu kiganza cayo, biri musi y'iganza ryayo n'ububasha n'ubushobozi vyayo.
Yaranatwiganiye mu matazirano yayo ko Irangwa n'ubumenyi, ni ukuri Yarahetuye mu bumenyi bwayo ikintu ico ari co cose mu biremwa, n'uko ari Nyenukwumva, Nyenukubona, ata na kimwe kiyinyegeje kw'isi eka no mu majuru.
* Yaranatwiganiye ko ari Yo Mubungabunzi w'ibiremwa, Ifise amatazirano aranga ubutore n'ubutwari bwayo, Yaturemeye ubwenge n'ibihimba vyumva bidufasha gutahura ibitangaza vy'ibiremwa vyayo, ubushobozi n'ububasha vyayo, biheza bikatwereka ubukomezi bwayo, inguvu n'irangwa n'amatazirano atunganye, Yaranaturemanye imigenzo-ndemanwa itwereka ko ari Yo Ntungane muri vyose, n'uko kizira kizaririzwa ko Yorangwa n'akanenge canke agahaze.
* Yaranatwigishije ko Umubungabunzi w'ibiremwa "Rabbu" Ahangamye hejuru y'amajuru yayo mu buryo buberanye n'icubahiro ciwe, ku buryo Atihindura mw'ishusho ry'ibiremwa biri kw'isi canke mw'ijuru, eka nta n'ibiremwa biri kw'isi canke mw'ijuru vyihindura mw'ishusho ryiwe.
* Yaranatwiganiye ko ari Yo Nyenukuninahazwa dutegerezwa kwicishako bugufi; kuko ari Yo Rurema Yaremye isi n'amajuru n'ibiri muri vyo vyose, Ikaba ari na Yo Ibibeshejeho.
Rurema Yaremye ivyo vyose rero "Khaaliqu", Arafise amatazirano ahambaye amuranga, kira noneho ntashobora kurangwa n'agahaze canke akanenge mu gukenera na kimwe ku biremwa (ku buryo Yovyitura). Umubungabunzi w'ibiremwa vyose rero "Rabbu" ntiyibagira, ntahunyiza, ntaryama, ntarya imfungurwa, ntibinabaho ko Agira umugore canke umwana; burya mu vyanditswe vyose usangamwo ibihushanye n'icubahiro ca Rurema, ntibiba biri mu vyahishuwe vyashikirijwe n'Intumwa z'Imana (za nyakugira amahoro n’impuhwe z'Imana Allah).
Niwaba wemera rero Umubungabunzi akaba na Rurema w'ibiremwa vyose..., hoba hari umusi uribaza ku catumye uremwa? Ku co Imana Allah Idushakako? No kw'ihangiro ryo kubaho kwacu?
Mbega burya birashoboka ko Imana Allah Yaturemye hanyuma Itureka gutyo nyene gusa? Birashoboka ko vy'ukuri Yorema ibi biremwa vyose ata ntumbero canke ihangiro Ibifiseko?
Vy'ukuri, Umubungabunzi Akaba na Rurema w'ibiremwa vyose, Nyenicubahiro gisumba vyose "Allah" Yaratwiganiye ihangiro Yaturemeye, na ryo rikaba ari ukumwiyegereza tumusenga We Wenyene muri vyose dukora; Aranatwiganira n'ico Adushakako, bitayeko Yaranatwiganiye ko ari We Wenyene Akwiye kwiyegerezwa no gusengwa. Yaranadutomoreye Abicishije ku Ntumwa ziwe (za nyakugira amahoro n’impuhwe z'Imana) ukungene tumwiyegereza tukamusenga, n'ukungene tumwitoneshako mu gushira mu ngiro ivyo Adutegeka no mu kureka ivyo Atubuza, n'ukungene rero tworonka gushimwa na We tukaniyubara ibihano vyiwe. Yaranatwiganiye ibijanye n'iherezo ryacu mu nyuma yo gupfa.
Yaranatwiganiye ko ubu buzima bwo kw'isi ari ubuzima bw'igeragezwa, n'uko ubuzima nyabwo ari ubuzima bw'inyuma yo gupfa.
Yaranatwiganiye ko uwiyegereje Imana Allah akayisenga nk'uko Yabimutegetse, maze akanareka gukora ivyo Yabumujije, ahabwa ubuzima bwiza kw'isi, akazohabwa n'inema zamaho mu buzima bw'inyuma yo gupfa; n'uko uwugabitanye akagarariza Imana Allah, ahabwa ubuzima bw'amagorwa kw'isi, akazohabwa n'ibihano vyamaho mu buzima bw'inyuma yo gupfa.
Kubera ko dusanzwe tuzi neza ko bidashoboka kubandanya kubaho mu buzima bwo kw'isi, umwe wese muri twebwe adahawe agahembo ka bimwe mu vyo yakoze, vyaba ivyiza canke ibibi; none vyobuzwa n'iki (mu buzima bw'inyuma yo gupfa) ko habaho igihano ku birenganije hakabaho n'agashirukabute ku bagwaneza!?
Ni ukuri, Umubungabunzi w'ibiremwa Yaratwiganiye ko ukuronka intsinzi yo gushimwa n'Imana Allah hamwe no kurokoka ibihano vyayo, bidashoboka kiretse mu gihe umuntu yinjiye mw'idini ry'ubwislamu. Iryo dini na ryo rikaba risigura ukwicisha bugufi kuri Yo n'ukuyiyegereza mu kuyisenga ari Imwe Rudende ata kuyibangikanya na kimwe mu biremwa, ukuyumvira hamwe n'ukwubahiriza amabwirizwa yayo, maze ukakirana ibigushikira vyose umutima ushima. Imana Allah Yaranatwiganiye ko Itakirira abantu idini ritari ubwislamu, aho Yavuze Nyenuguhabwicubahiro nta ngere muri Qor'ani Iti:﴾Uwurondera kwubahiriza idini ritari iry’ubwislamu ntazoryakirirwa namba, kandi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa azoba mu bahomvye ubuzima bwabo bwose﴿(Aali Imraani: 85).
Uwihweje neza rero ivyo abantu benshi basenga uno musi; asanga harimwo uyu asenga abantu, urya na we agasenga ikigirwamana, uwundi na we agasenga inyenyeri, n'abandi nk'ukwo nyene, mu gihe ata muntu w'umunyabwenge akwiye gusenga kiretse gusa Allah Umubungabunzi w'ibiremwa vyose, Intungane mu mazina n'amatazirano yayo. Bishoboka gute rero ko ikiremwa gisenga ikiremwa nkaco canke ikindi kintu giciriritse mu ndemo! Igisengwa rero ntigikwiye kuba ari umuntu, canke ikigirwamana, canke igiti, canke igikoko!
Abantu basengera mu madini yose iyo ava akagera havuyemwo abasengera mw'idini ry'ubwislamu, Imana Allah Ntibakirira amasengesho yabo kuko amadini yabo ari ayashizweho n'abantu, canke ashobora no kuba ari amadini yigeze kuba ashingiye ku mabwirizwa y'Imana Allah hanyuma ukuboko kw'abantu kurayahindagura; nayo ubwislamu bukaba ari ryo dini ry'Umubungabunzi w'ibiremwa vyose, ntirihinduka eka ntirinahindagurwa, Igitabu c'iryo dini ari co Qor'ani ntagatifu kirabungabunzwe nk'uko camanuwe n'Imana Allah, kandi kugera n'uno musi ni co Gitabu conyene kikiri mu minwe y'abislamu, kiracari mu rurimi rw'icarabu camanuwemwo kimanurirwa Intumwa Muhetuzi w'Intumwa zose.
Biri mu mategeko-shingiro y'ubwislamu ko wemera Intumwa zose zarungitswe n'Imana Allah, kandi zose zakomoka mu bantu Imana Allah Yashigikije ibimenyetso n'ibitangaro, Ikaba Yazirungitse kugira zirarikire abantu ukwiyegereza Imana Allah no kuyisenga Yo Yonyene ata kuyibangikanya na kimwe mu biremwa.Umuhetuzi w'Intumwa zose, ni Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), Imana Allah Yayirungikanye amabwirizwa yayo ahetura ayandi akanasubirira amabwirizwa yahawe Intumwa zo hambere yayo; yashigikijwe ibimenyetso n'ibitangaro bihambaye, igikuru muri vyo kikaba ari Qor'ani ntagatifu, igizwe n'amajambo y'Umubungabunzi w'ibiremwa vyose Allah, ni co Gitabu gihambaye gusumba ibindi, kizwi n'abantu gushika uno musi, ni igitangaza mu nsiguro yaco, mu nyubako y'amungane n'indongora-mvugo vyaco no mu ngingo zaco, kirimwo uburongozi butuma umuntu ashikira ukuri mu ntumbero yo kuroranirwa mu buzima bwo kw'isi no mu bw'inyuma yo gupfa, camanuwe mu rurimi rw'icarabu.
Hari n'ivyemezo vyinshi bishingiye ku bwenge nyabwo no ku bumenyi bwanone, vyemeza ata guhigimanga ko iyi Qor'ani ari amajambo ya Rurema Nyenukuninahazwa, Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, n'uko bidashoboka na gato kuba cahinguwe n'abantu.
Biri mu mategeko-shingiro y'ubwislamu kandi ukwemera ko abamalayika bariho, n'ukwemera ko umusi w'iherezo uzogera, maze Imana Allah Ikazozura abantu bava mu mva zabo ku musi w'izuka kugira baharurirwe ku vyo bakoze; uwuzoba rero yarakoze ivyiza bitegetswe akaba ari n'umwemeramana, azohabwa inema zamaho mu Bwami bw'ijuru; nayo uwuzoba yaragararije agakora n'ibibi bibujijwe, azohabwa ibihano bikomeye mu muriro udahera. Biri no mu mategeko-shingiro y'ubwislamu ko wemera ivyagezwe n'Imana Allah (n'ishirwa mu ngiro ryavyo), vyaba ivyiza canke ibibi.
Idini ry'ubwislamu, ririmwo indinganizo ikwiye y'ubuzima, rihura neza na neza n'imigenzo-ndemanwa hamwe n'ubwenge nyabwo, ryemerwa n'imitima itunganye, ryashinzwe na Rurema Nyenicubahiro gisumba vyose kugira ryubahirizwe n'biremwa vyose, ni ryo dini rihurikiyemwo ivyiza n'iroranirwa ku bantu bose mu buzima bwo kw'isi no mu bw'inyuma yo gupfa, ntirivangura ngo riheshe icubahiro ubwoko gusumba ubundi, eka ntirinavangura ngo riheshe icubahiro iri bara (rangi) gusumba irindi, kanatsinda abantu bose mu bwislamu barangana (mu gateka, mu vyo basabwa no mu cubahiro), mu bwislamu rero nta wuhabwa icubahiro gusumba uwundi kiretse mu gihe hisunzwe urugero rw'ibikorwa vyiwe vyiza.
Biri mu bishimangirwa n'Imana Allah muri Qor'ani ntagatifu, ko ukwemera Imana Allah ko ari Yo Mubungabunzi w'ibiremwa Ikwiye gusengwa; n'uko ubwislamu ari ryo dini; n'uko Muhamadi ari Intumwa; hamwe rero n'ukwinjira mu bwislamu, ko ivyo bitegerezwa ku muntu ata mahitamwo yiwe, ahasigaye ku musi w'izuka hakazoba iharurirwa n'impera; gutyo umwemeramana w'ukuri akazoronka intsinzi ihambaye y'Ubwami bw'ijuru, umugararizamana na we akazohura n'uruhombo rugaragara.
IKINTU COSE KIREREKANA KO HARIHO UWAKIREMYE Ni nde Yaremye amajuru n'isi hamwe n'ibiri hagati yavyo mu biremwa bihambaye ata n'uwoshobora kubihetura? Ni nde Yashizeho iyi ndinganizo itigera yihenda na rimwe mu kuntu itunganijwe mw'ijuru no mw'isi? Ni nde Yaremye umuntu, Akamuha amatwi, amaso n'ubwenge, Akamuha n'ububasha bwo kurondera ubumenyi no gutahura ukuri kw'ibishikira ibiremwa? Ni gute wosigura iyi ndinganizo itigera yihenda mu kungene ibihimba vyawe vy'umubiri hamwe n'ibindi binyabuzima bikora? Ni nde Yabitunganije mu kubiha indemo ibereye? Ni gute iyi si ihambaye n'ibiri kuri yo…