Burya ukwisonera, kuri mu bigize ukwemera kw'umuntu
Mu vyakiriwe na Abdullahi mwene Omari (Imana Allah Ibishimire bompi), yavuze ko
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yigeze kwumva umugabo ariko arahanura mwenewabo ku bijanye n'ukwisonera, ko adakwiye kwama yagize isoni imbere y'abantu, aca avuga ati: "Burya ukwisonera, kuri mu bigize ukwemera kw'umuntu".
سَمِعَ النَّبِيُّ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ رَجُلًا يَعِظُ أَخَاهُ فِي الْحَيَاءِ، فَقَالَ: «الْحَيَاءُ مِنَ الْإِيمَانِ».
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yarumvise umugabo ariko ahanura mwenewabo ko areka kwama yagize isoni mu bantu!, aca aramutomorera ko burya umuntu kugira isoni, biri mu bigize ukwemera kwiwe, n'uko ukugira isoni igihe cose bizana ivyiza. Burya umuntu kugira isoni, ni ingeso nziza imutuma akora ivyiza akareka no gukora ibibi.
...:
Ingeso n'inyifato ikubuza gukora ivyiza, ntiyitwa ukwisonera, ahubwo yitwa ugutinya abantu no kunanirwa gufata ingingo no kwizemanza.
Umuntu kugira isoni ku Mana Allah Nyenintsinzi na Nyenicubahiro, ibonekera mu gukora ibitegetswe no mu kureka gukora ibibujijwe;
Umuntu kugira isoni imbere y'abantu, ni ukububaha no kububahiriza mu vyubahiro vyabo, no kwirinda gukora ibisanzwe bimenyerewe ko bitabereye gukora mu bantu.
Igitabu "Swahiihu l-Bukhaariy" (1/ 14) (24).
Igitabu "Swahiihu Muslim" (1/ 63) (36).
Ivyiyongeyeko (8)
توضيح الأحكام من بلوغ المرام.
للبسام (7/ 489).
منحة العلام في شرح بلوغ المرام.
لعبد الله الفوزان (10/ 330).
فتح ذي الجلال والإكرام.
لابن عثيمين (6/ 427).
سبل السلام بشرح بلوغ المرام.
للصنعاني (2/ 689).