Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

26 of 183 cards

Clear filters
"Iciza, ni umuntu kurangwa n'imigenzo myiza; nayo igicumuro na co, ni kirya cose gitera amazinda mu gikiriza cawe, ukanka n'uko abantu bomenya ko wagikoze".
Inyigishi y'intumwa yemewe Inyigisho ya mbere y'intumwa yashikirijwe na Muslimu, iya kabiri yashikirijwe na Ahmad na Al-Daarimiy
"Uwufise inguvu n'imirya koko, si urya azi gukubitana imyereka, mu vy'ukuri uwufise inguvu n'imirya koko, ni urya yigumya igihe ashavuye, ntaheze ngo ashire aho ishavu rishize".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Uwo wese azoharanira agateka n'icubahiro vya mwenewabo, mu kumwishurira ibimuvugwako atari ho ari, Imana Allah Izomukingira umuriro ku musi w'izuka ry'ibiremwa".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy na Ahmad
"Mu vy'ukuri, mu vyahanahanwe n'abantu bakabitahura mu majambo y'ivugishwamana ryo kuva kera na rindi, ni uko iyo utagira isoni uheza ugakora ivyo ushatse".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy
"Mu vy'ukuri, Imana Allah Yarategetse kurangwa n'ubugwaneza ku kintu cose umuntu akoze, iyo rero mwishe (mu kwihora uwishe) ba mwica mu bugwaneza; n'iyo mubaze igitungwa, ba mukibaga mu bugwaneza; kandi rero umwe wese muri mwebwe, nabe abanza gukarisha neza imbugita yiwe, hanyuma aheze aruhure n'ikibagwa ciwe".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Ntimugasharikane, ntimukaduganirizeko ibiciro mu guta mu rudubi abaguzi, ntimukankane urunuka, ntimugahane umugongo mu guca ubuvandimwe n'ubucuti, ntihakagire muri mwebwe abagurishiriza ikidandazwa ku kindi camaze kugurishwa na bamwe muri mwebwe, muraheza rero mube abaja b'Imana Allah b'abavukanyi. Burya umwislamu ni mwenewabo w'uwundi mwislamu; ntarota amurenganya, eka ntanamwihakana ngo areke kumutabara, kandi ntahirahira ngo amukengere, burya rero nyabuna igamburukiramana nyaryo riri ng'aha", ica ibisubiramwo incuro zitatu itunga n'urutoki ku gikiriza cayo, iraheza ivuga iti: "Birakwiye ku muntu kuba ari ikibi, gukengera mwenewabo w'umwislamu; burya umwislamu wese, ni ikizira kikaziririzwa kuri we: gusesa amaraso y'uwundi mwislamu, kumwambura amatungo yiwe, hamwe rero no kumuhungabaniriza agateka n'icubahiro vy'umuryango wiwe".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Biri mu biranga ubwislamu bwiza bw'umuntu, umuntu kureka kuja mu bitamuraba".
Al-Nawawiy yavuze ko ari inyigisho nziza Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy n'abandi
"Imana Allah Iragirira impuhwe, umuntu w'umugwaneza iyo hagize ico agurisha, n'iyo hagize ico agura, n'iyo hagize ico yishuza".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy