"Uwubangamira abandi, Imana Allah Iraheza Ikamubangamira; uwuremereje abandi, Imana Allah Iraheza Ikumuremereza".
Mu vyakiriwe na Abu Swirma (Imana Allah Imwishimire), yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Uwubangamira abandi, Imana Allah Iraheza Ikamubangamira; uwuremereje abandi, Imana Allah Iraheza Ikumuremereza".
«مَنْ ضَارَّ ضَارَّ اللهُ بِهِ، وَمَنْ شَاقَّ شَقَّ اللهُ عَلَيْهِ».
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yarihanije umwislamu kubangamira umuntu, canke kumuremereza ku kintu ico ari co cose; haba ku bimwega ku gatwe kiwe, canke mu matungo yiwe canke mu biwe; aburira umuntu akora ivyo rero, ko Imana Allah Iheza Ikamuha ibihano bijanye n'ubwoko bw'ivyo yakoze.
...:
Iziririzwa ryo kugeramira umwislamu no kumuremereza.
Imana Allah Irihorera abaja bayo ku bibi bakorerwa.
Igitabu "Sunanu Abu Dawud" (5/ 477) (3635).
Igitabu "Sunanu Al-Tirmidhiy" (3/ 495) (1940).
Igitabu "Sunanu Ibnu Maajah" (3/ 432) (2342).
Igitabu "Musnadu Ahmad" (25/ 34) (15755).
Ivyiyongeyeko (8)
مساوئ الأخلاق.
للخرائطي (ص: 274) (583).
توضيح الأحكام مِن بلوغ المرام.
للبسام (7/ 445).
فتح ذي الجلال والإكرام شرح بلوغ المرام.
لابن عثيمين (6/ 396).
منحة العلام في شرح بلوغ المرام.
لعبد الله الفوزان (10/ 261).