Skip to content
Surah List /

الأنبيَاء

الأنبيَاء is chapter 21 of the Quran and has 112 verses. This page presents it in full in the Uthmani script, with a verse-by-verse translation of its meaning.

112 Ayahs Surah No. 21
Go to ayah
Ikirundi · Gehiti
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

ٱقۡتَرَبَ لِلنَّاسِ حِسَابُهُمۡ وَهُمۡ فِي غَفۡلَةٖ مُّعۡرِضُونَ

Iharurirwa ry’abantu ku vyo bakoze vuba bwango rirashika, mu gihe abagarariji bari mu gusamazwa n’ivy’isi, birengagiza iri gabishwa.

مَا يَأۡتِيهِم مِّن ذِكۡرٖ مِّن رَّبِّهِم مُّحۡدَثٍ إِلَّا ٱسۡتَمَعُوهُ وَهُمۡ يَلۡعَبُونَ

Nta kintu na kimwe kibashikira kiva ku Mana yabo Rurema Allah muri Qor’ani, ngo kibabere urwibutso, kiretse ko bacumviriza batebura bakagifata minenegwe.

لَاهِيَةٗ قُلُوبُهُمۡۗ وَأَسَرُّواْ ٱلنَّجۡوَى ٱلَّذِينَ ظَلَمُواْ هَلۡ هَٰذَآ إِلَّا بَشَرٞ مِّثۡلُكُمۡۖ أَفَتَأۡتُونَ ٱلسِّحۡرَ وَأَنتُمۡ تُبۡصِرُونَ

Imitima yabo yaragoswe n’ibihendamaso vy’isi bituma batanyurwa na Qor’ani. Ahubwo rero abirenganije mu Bakorayishi, bariherereye kugira ngo bapfundike mu mpisho ico bokora mu kuburagiza abantu kwemera Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), baraheza bakwiragiza igihuha bati: “Muhamadi si ikindi kiretse ko ari umuntu nkamwe. Karashize ingani ngo muje kwumviriza ubukonikoni bwa Qor’ani kandi mubona ko bushikirizwa n’umuntu asanzwe nkamwe!”.

قَالَ رَبِّي يَعۡلَمُ ٱلۡقَوۡلَ فِي ٱلسَّمَآءِ وَٱلۡأَرۡضِۖ وَهُوَ ٱلسَّمِيعُ ٱلۡعَلِيمُ

Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yabishuye ati: “Imana yanje Rurema Allah, Irazi ibivugwa mw’ijuru no kw’isi, ni na Yo Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga, Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo mukora n’ivyo muzirikana”.

بَلۡ قَالُوٓاْ أَضۡغَٰثُ أَحۡلَٰمِۭ بَلِ ٱفۡتَرَىٰهُ بَلۡ هُوَ شَاعِرٞ فَلۡيَأۡتِنَا بِـَٔايَةٖ كَمَآ أُرۡسِلَ ٱلۡأَوَّلُونَ

Ahubwo rero, abagarariji bahakana bivuye inyuma n'ibigirankana Qor’ani; muri bo, harimwo abavuga ko Qor’ani ari indoto z’uwurazirana ata kuri kurimwo; hakaba n’abandi bavuga ko ahubwo ari amajambo y’irementanya; hari n’abinamura mu kuvuga ko Muhamadi ari umwivuzi w’amazina y’ab’aho hambere; niyaba rero ashaka ko tumwemera, arazana igitangaro gifadika; nk’ibitangaro vyahawe ab’aho hambere yiwe.

Explanation & meanings · 1
  1. Nk’ingamiya yahawe Swalehe n’ibitangaro vyahawe Musa na Isa (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah),