Skip to content
الأنبيَاء /

Ayah 83

21 : 83

Ayah 83 of الأنبيَاء (21 : 83). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

الأنبيَاء Ayahs 112
21 : 83

۞ وَأَيُّوبَ إِذۡ نَادَىٰ رَبَّهُۥٓ أَنِّي مَسَّنِيَ ٱلضُّرُّ وَأَنتَ أَرۡحَمُ ٱلرَّٰحِمِينَ

Ntumwa y’Imana! Ibuka n’inkuru y’Umuja wacu Ayubu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), igihe yageragezwa mu vyago vy’indwara z’igihe kirekire, abana bagahwera, amatungo akamuherako, akihanganira ivyo vyose ku bw’Imana Allah, araheza ahamagara Imana yiwe Rurema Allah ayitakambira ati: “Mu vy’ukuri, nakozweko n’ivyago vy’indwara, none rero ndagusavye Mana yanje ubinkureko, kuko Wewe Urangwa n’impuhwe zisumba iz’abagirampuhwe bose”.