21 : 81
وَلِسُلَيۡمَٰنَ ٱلرِّيحَ عَاصِفَةٗ تَجۡرِي بِأَمۡرِهِۦٓ إِلَى ٱلۡأَرۡضِ ٱلَّتِي بَٰرَكۡنَا فِيهَاۚ وَكُنَّا بِكُلِّ شَيۡءٍ عَٰلِمِينَ
Twaranorohereje Sulayimani kwikora ku gihuhusi we hamwe n’abo bari kumwe, kikamwunguruza kw’itegeko ryiwe gushika muri Bayti l-Maqdis mu bihugu vya Shaamu, ahantu Twahezagije ivyiza vyinshi no kuba amamuko ya benshi mu Bavugishwamana (ba nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah); kandi burya twebwe Allah, Twamye Tuzi neza ibintu vyose.
Explanation & meanings · 1
- Shaamu muri kahise, ni izina ry’akarere kari kagizwe n’ibihugu vya Siriya, Libani, Jordaniya, Palestina, Tabuki na Sinayi.