Skip to content
الأنبيَاء /

Ayah 24

21 : 24

Ayah 24 of الأنبيَاء (21 : 24). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

الأنبيَاء Ayahs 112
21 : 24

أَمِ ٱتَّخَذُواْ مِن دُونِهِۦٓ ءَالِهَةٗۖ قُلۡ هَاتُواْ بُرۡهَٰنَكُمۡۖ هَٰذَا ذِكۡرُ مَن مَّعِيَ وَذِكۡرُ مَن قَبۡلِيۚ بَلۡ أَكۡثَرُهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ ٱلۡحَقَّۖ فَهُم مُّعۡرِضُونَ

Mbega ababangikanyamana bigiriye imana mu gishingo c’Imana Allah kuko zoba zishoboye kugira ico zimaze canke zishe; zishoboye gutanga ubuzima canke kubwaka! Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Nimuzane rero ivyemezo vyerekana ko ibigirwamana ari imana koko zikwiye gusengwa! Nta na kimwe kivyemeza kiri muri iyi Qor’ani nahishuriwe, canke kiri mu Bitabu vyahawe abo hambere yanje”. Ahubwo rero ababangikanyamana basenga ibigirwamana ku bujuju bwo kwigana ivyo batazi, kuko abenshi muri bo ntibazi ukuri; n’iyo bashikirijwe ukuri barakwirengagiza.