Skip to content
Surah List /

الحج

الحج is chapter 22 of the Quran and has 78 verses. This page presents it in full in the Uthmani script, with a verse-by-verse translation of its meaning.

78 Ayahs Surah No. 22
Go to ayah
Ikirundi · Gehiti
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّاسُ ٱتَّقُواْ رَبَّكُمۡۚ إِنَّ زَلۡزَلَةَ ٱلسَّاعَةِ شَيۡءٌ عَظِيمٞ

Emwe bantu! Nimutinye ibihano vy’Imana yanyu Rurema Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, mu vy’ukuri intureka z’umuhero w’isi, ni ikintu gihambaye cane, kirenze ubwenge bwa kiremwa-muntu;

يَوۡمَ تَرَوۡنَهَا تَذۡهَلُ كُلُّ مُرۡضِعَةٍ عَمَّآ أَرۡضَعَتۡ وَتَضَعُ كُلُّ ذَاتِ حَمۡلٍ حَمۡلَهَا وَتَرَى ٱلنَّاسَ سُكَٰرَىٰ وَمَا هُم بِسُكَٰرَىٰ وَلَٰكِنَّ عَذَابَ ٱللَّهِ شَدِيدٞ

Umusi mwabonye umuhero w’isi ugeze, intureka zawo zizotuma umuvyeyi yonsa yibagira umwana ariko aronsa; umugore yibungeze na we, azokorora imbanyi kubera ubwoba bubica bigacika; maze ubone abantu baborewe bataye ubwenge ata biboreza bashize ku munwa, ariko ivyo vyose bizoterwa n’ibihano vy’Imana Allah bikaze.

وَمِنَ ٱلنَّاسِ مَن يُجَٰدِلُ فِي ٱللَّهِ بِغَيۡرِ عِلۡمٖ وَيَتَّبِعُ كُلَّ شَيۡطَٰنٖ مَّرِيدٖ

Mu ndongozi z’abagarariji mu bantu, harimwo abaharira mu guhakana ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah bwo kuzura abapfuye, bitewe n’ubujuju bwo kutamenya ubushobozi n'ububasha vyayo, bagakurikira muri nya mpari indongozi z’abahuvye mu mashetani ruhebwa;

كُتِبَ عَلَيۡهِ أَنَّهُۥ مَن تَوَلَّاهُ فَأَنَّهُۥ يُضِلُّهُۥ وَيَهۡدِيهِ إِلَىٰ عَذَابِ ٱلسَّعِيرِ

Imana Allah Yaramaze kugena mu vyagezwe, ko uwo wese azoba umugenzi acuditse na shetani, shetani izomuhubisha inzira y’ukuri, imurongore mu nzira imuganisha mu bihano vy’umuriro ururumba.

يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّاسُ إِن كُنتُمۡ فِي رَيۡبٖ مِّنَ ٱلۡبَعۡثِ فَإِنَّا خَلَقۡنَٰكُم مِّن تُرَابٖ ثُمَّ مِن نُّطۡفَةٖ ثُمَّ مِنۡ عَلَقَةٖ ثُمَّ مِن مُّضۡغَةٖ مُّخَلَّقَةٖ وَغَيۡرِ مُخَلَّقَةٖ لِّنُبَيِّنَ لَكُمۡۚ وَنُقِرُّ فِي ٱلۡأَرۡحَامِ مَا نَشَآءُ إِلَىٰٓ أَجَلٖ مُّسَمّٗى ثُمَّ نُخۡرِجُكُمۡ طِفۡلٗا ثُمَّ لِتَبۡلُغُوٓاْ أَشُدَّكُمۡۖ وَمِنكُم مَّن يُتَوَفَّىٰ وَمِنكُم مَّن يُرَدُّ إِلَىٰٓ أَرۡذَلِ ٱلۡعُمُرِ لِكَيۡلَا يَعۡلَمَ مِنۢ بَعۡدِ عِلۡمٖ شَيۡـٔٗاۚ وَتَرَى ٱلۡأَرۡضَ هَامِدَةٗ فَإِذَآ أَنزَلۡنَا عَلَيۡهَا ٱلۡمَآءَ ٱهۡتَزَّتۡ وَرَبَتۡ وَأَنۢبَتَتۡ مِن كُلِّ زَوۡجِۭ بَهِيجٖ

Emwe bantu! Nimwaba mufise amakenga kw’izurwa ry’ibiremwa, nimumenye ko Twebwe Allah Twaremye so Adamu mw’ivu, hanyuma abamukomokako Tubarema mu buryo bwo kurondoka mw’ima ry’intanga umugabo asunikira mu gitereko c’umugore, maze iryo ma rikibumba rikaba amaraso avuze; mu nyuma, nya maraso akiremarema akaba akamanyu k’inyama gaheza kakagenda gakura bukebuke, gushika n’aho kaba kiremwa-muntu kivuka ari ikiremwa kizima gikomeye, hari n’igihe kitaba ikiremwa kizima kikaza ari ikiburirane. Izo ntambwe z’iremwa ryanyu rero, Tuzibatomorera kugira mutahure ubushobozi n'ububasha vyacu Twebwe Allah mu kurema. Turaheza rero Tukagumiza mu gitereko ikiremwa Dushaka ko kivuka ari kizima, gushika igihe c’ivuka. Mu nyuma rero hageze kuvuka, Tukabakura mu nda z’abavyeyi banyu muri abana bagenda barakura bukebuke gushika mugere mu bigero. Muri mwebwe, hari n’abapfa rero bataragera mu bigero, hakaba n’abakura bagashika mu busaza gushika n’aho batakimenya na kimwe, bagatangura guhoha nk’abana, ntibabe bakimenya n’ivyo bahora bazi. Uzobona n’isi yagadutse itakimerako ikintu na kimwe; iyo Tugize ngo Turatumye imvura igwa kuri nya si, buno nyene nya si igaca ibomba, ikiyongera n’akanovera, ikamera n’ubwoko bwose bw’ibimera bibereye ijisho.