21 : 71
وَنَجَّيۡنَٰهُ وَلُوطًا إِلَى ٱلۡأَرۡضِ ٱلَّتِي بَٰرَكۡنَا فِيهَا لِلۡعَٰلَمِينَ
Ni ho rero Twarokora Ibrahimu hamwe na Luutwi yamwemera, Turaheza Tubakura muri Iraki Tubimurira muri Shaamu ahantu Twahezagije ivyiza vyinshi, no kuba amamuko ya benshi mu Bavugishwamana (ba nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).
Explanation & meanings · 1
- Shaamu muri kahise, ni izina ry’akarere kari kagizwe n’ibihugu vya Siriya, Libani, Jordaniya, Palestina, Tabuki na Sinayi.