"Iciza cose umuntu akoze, agihemberwa indishi y'imperezwa".
Mu vyakiriwe na Jaabiri mwene Abdullahi (Imana Allah Ibishimire bompi), yakiriye ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aho yavuze ati:
"Iciza cose umuntu akoze, agihemberwa indishi y'imperezwa".
«كُلُّ مَعْرُوفٍ صَدَقَةٌ».
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aratwiganira ko igikorwa cose c'ubugwaneza gifise ico kimariye abandi, haba mu mvugo canke mu ngiro, kiba ari imperezwa ku wagikoze, araheza rero akagihemberwa indishi.
معروف : المعروف اسم جامع لكل ما فيه نفع للآخرين من قول أو فعل.
Imperezwa ntigizwe gusa n'ivyo umuntu atanga mu matungo yiwe, ahubwo ihurikiyemwo iciza ico ari co cose umuntu akoze canke avuze, maze kikagirira akamaro abandi.
Harimwo ugukundisha abantu gutanga ivyiza, no gukora kirya cose gifise ico kimariye abandi.
Kudakengera ikintu na kimwe mu vyiza n'aho koba ari akantu gato.
Igitabu "Swahiihu l-Bukhaariy" (8/ 11) (6021).
Igitabu "Swahiihu Muslim" (2/ 697) (1005).
Ivyiyongeyeko (4)
منحة العلام في شرح بلوغ المرام.
لعبد الله الفوزان (10/ 117).
توضيح الأحكام من بلوغ المرام.
للبسام (7/ 341).