Skip to content
Al-Hajji /

Ayah 23

22 : 23

Ayah 23 of Al-Hajji (22 : 23). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

Al-Hajji Ayahs 78
Surah · Al-Hajji
Ikirundi · Gehiti
22 : 23

إِنَّ ٱللَّهَ يُدۡخِلُ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ جَنَّٰتٖ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُ يُحَلَّوۡنَ فِيهَا مِنۡ أَسَاوِرَ مِن ذَهَبٖ وَلُؤۡلُؤٗاۖ وَلِبَاسُهُمۡ فِيهَا حَرِيرٞ

Mu vy’ukuri Imana Allah, Izokwinjiza abayemeye bakemera n’Intumwa yayo, bagakora n’ivyiza bitegetswe, mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi. Muri nya Bwami, bazoberwa n’ukwambikwa imiringa y’inzahabu n’ilulu, abagabo co kimwe n’abagore bazoba bambaye n’impuzu za misi yose zishonywe mw’iharire;

Explanation & meanings · 1
  1. Lulu, ni ubwoko bw’ubutare bwiburungushuye, bucukurwa mw’ibahari, bukaba buboneka mu binyabuzima biba musi yaryo, bukagira amabara atandukanye; nk’ibara ryera, iryirabura, n’ayandi. Ni ubutare buzimvye cane.