Skip to content
الحج /

Ayah 39

22 : 39

Ayah 39 of الحج (22 : 39). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

الحج Ayahs 78
Surah · الحج
Ikirundi · Gehiti
22 : 39

أُذِنَ لِلَّذِينَ يُقَٰتَلُونَ بِأَنَّهُمۡ ظُلِمُواْۚ وَإِنَّ ٱللَّهَ عَلَىٰ نَصۡرِهِمۡ لَقَدِيرٌ

Abahabishijwe bagacurwa bufuni na buhoro, bararekuriwe kwivuna umwansi ku rugamba ku mvo z’uko barenganijwe; kandi Imana Allah, mu vy’ukuri Irashoboye kubatabara no gutetereza umwansi wabo;

Explanation & meanings · 1
  1. Mu kiringo c’imyaka cumi n’itatu abemeramana bamaze i Makka, ntibari barekuriwe na gato kwihora uwubasindiye canke uwubarenganije, ahubwo bari bategetswe kwihangana no kutihora ku bibashikiye vyose. Aho rero Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yimukiye ikava i Makka ikaja i Madina, abislamu na bo bakiyongera igitigiri, Imana Allah Yaciye Ihishura iyi Aayah, Ibarekurira kwirwanako ku rugamba.