Skip to content
الحج /

Ayah 25

22 : 25

Ayah 25 of الحج (22 : 25). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

الحج Ayahs 78
Surah · الحج
Ikirundi · Gehiti
22 : 25

إِنَّ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ وَيَصُدُّونَ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِ وَٱلۡمَسۡجِدِ ٱلۡحَرَامِ ٱلَّذِي جَعَلۡنَٰهُ لِلنَّاسِ سَوَآءً ٱلۡعَٰكِفُ فِيهِ وَٱلۡبَادِۚ وَمَن يُرِدۡ فِيهِ بِإِلۡحَادِۭ بِظُلۡمٖ نُّذِقۡهُ مِنۡ عَذَابٍ أَلِيمٖ

Mu vy’ukuri abagararije Imana Allah, bagahakana bivuye inyuma n'ubutumwa bashikirijwe n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), bakaburagiza n’abantu kwinjira mu bwislamu, bakanaburabuza Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) hamwe n’abemeramana kwinjira mu musigiti w’i Makka, umusigiti Twebwe Allah Twagize kuba ihuriro ry’abemeramana bose, ku basanzwe baba ng’aho co kimwe n’ingenzi zije zihagana, abo rero baragenewe ibihano bibabaza. N’uwo wese rero azoshaka kurenganya mu gucumurira muri nya musigiti, Tuzomuhonja ibihano bibabaza.