Skip to content
Surah List /

النَّحل

النَّحل is chapter 16 of the Quran and has 128 verses. This page presents it in full in the Uthmani script, with a verse-by-verse translation of its meaning.

128 Ayahs Surah No. 16
Go to ayah
Ikirundi · Gehiti
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

أَتَىٰٓ أَمۡرُ ٱللَّهِ فَلَا تَسۡتَعۡجِلُوهُۚ سُبۡحَٰنَهُۥ وَتَعَٰلَىٰ عَمَّا يُشۡرِكُونَ

Bagarariji! Umuhero w’isi vuba bwango urashika nta gisivya, kugira muhanirwe ivyo mwakoze, ntimurinde kwihuta mu gutebura musaba ko mwohanwa. Nihaninahazwe Imana Allah Yongere Ihabwe n’icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bayibangikanya.

يُنَزِّلُ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةَ بِٱلرُّوحِ مِنۡ أَمۡرِهِۦ عَلَىٰ مَن يَشَآءُ مِنۡ عِبَادِهِۦٓ أَنۡ أَنذِرُوٓاْ أَنَّهُۥ لَآ إِلَٰهَ إِلَّآ أَنَا۠ فَٱتَّقُونِ

Imana Allah, Imanura abamalayika kw’itegeko ryayo, baje guhishurira uwo Ishatse mu baja bayo mu Ntumwa, maze bagahishurira nya Ntumwa bati: “Nimugabishe abantu ku bihano vyanje Jewe Allah mu gihe bombangikanya, kuko nta mana ibwirijwe gusengwa vy’ukuri, atari Jewe Allah. Kubera ivyo rero, nimungamburukire mu kwubahiriza amabwirizwa yanje”.

خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ بِٱلۡحَقِّۚ تَعَٰلَىٰ عَمَّا يُشۡرِكُونَ

Imana Allah Yaremye amajuru n’isi mu kuri, kugira mumenye ko hariho Imana Rurema Allah, muheze muyisenge ari Imwe Rudende, Imana Allah nihabwe icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bayibangikanya.

خَلَقَ ٱلۡإِنسَٰنَ مِن نُّطۡفَةٖ فَإِذَا هُوَ خَصِيمٞ مُّبِينٞ

Yaremye umuntu mw’ima ry’intanga zigayitse; amaze gukura acika umwansi ruhebwa, maze aragarariza yivuye inyuma mu guhakana ko ata zuka ry’ibiremwa ribaho;

وَٱلۡأَنۡعَٰمَ خَلَقَهَاۖ لَكُمۡ فِيهَا دِفۡءٞ وَمَنَٰفِعُ وَمِنۡهَا تَأۡكُلُونَ

N’ibitungwa Yabiremeye mwebwe abantu, Iraheza Ibaha gususurutswa n’ubwoya bwavyo, Ibaha no kwikora ku mata n’insato zavyo, Ibashoboza no kwiyunguruza kuri nya bitungwa; muri vyo harimwo n’ivyo mufungura;

Explanation & meanings · 1
  1. Ingamiya, inka n’intungwa.