Skip to content
النَّحل /

Ayah 36

16 : 36

Ayah 36 of النَّحل (16 : 36). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

النَّحل Ayahs 128
Surah · النَّحل
Ikirundi · Gehiti
16 : 36

وَلَقَدۡ بَعَثۡنَا فِي كُلِّ أُمَّةٖ رَّسُولًا أَنِ ٱعۡبُدُواْ ٱللَّهَ وَٱجۡتَنِبُواْ ٱلطَّٰغُوتَۖ فَمِنۡهُم مَّنۡ هَدَى ٱللَّهُ وَمِنۡهُم مَّنۡ حَقَّتۡ عَلَيۡهِ ٱلضَّلَٰلَةُۚ فَسِيرُواْ فِي ٱلۡأَرۡضِ فَٱنظُرُواْ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلۡمُكَذِّبِينَ

Ni ukuri mu mugwi wose w’abantu, Twararungitse Intumwa ibabwiriza iti: “Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge ari Imwe Rudende, muheze muvavanure n’ibangikanyamana mu gusenga ibigirwamana vy’ubwoko bwose”. Muri buri mugwi w’abantu rero, harimwo abagamburutse maze Imana Allah Irabarongora, harimwo n’ababaye ibigaba maze Imana Allah Irabareka barahuba. Kubera ivyo rero, nimugendagende kw’isi, muheze mwirabire iherezo ry’abahakanyi uko ryagenze.

Explanation & meanings · 1
  1. Ibigirwamana vyo mu bwoko bwose “TWAAGHUUT”, ni ikiremwa ico ari co cose gisengwa mu gishingo c’Imana Allah, gishimishwa n’iryo sengwa.