Skip to content

"Mana yanje Nzima! Uwo wese azoshingwa amabanga ku kintu ico ari co cose mu bijanye no gutunganiriza abantu narungitsweko, hanyuma akabaremereza (akabananiza) mu kubatunganiriza, Uraca Umuremereza (Umunaniza) mu mabanga yiwe. Uwo wese azoshingwa amabanga ku kintu ico ari co cose mu bijanye no gutunganiriza abantu narungitsweko, hanyuma akaborohereza mu kubatunganiriza, Uraheza Umworohereze mu mabanga yiwe"".

Mu vyakiriwe na Aisha (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Narigeze kwumva Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) iri muri iyi nzu yanje, ivuga iti:

"Mana yanje Nzima! Uwo wese azoshingwa amabanga ku kintu ico ari co cose mu bijanye no gutunganiriza abantu narungitsweko, hanyuma akabaremereza (akabananiza) mu kubatunganiriza, Uraca Umuremereza (Umunaniza) mu mabanga yiwe. Uwo wese azoshingwa amabanga ku kintu ico ari co cose mu bijanye no gutunganiriza abantu narungitsweko, hanyuma akaborohereza mu kubatunganiriza, Uraheza Umworohereze mu mabanga yiwe"".

«اللَّهُمَّ مَنْ وَلِيَ مِنْ أَمْرِ أُمَّتِي شَيْئًا فَشَقَّ عَلَيْهِمْ فَاشْقُقْ عَلَيْهِ، وَمَنْ وَلِيَ مِنْ أَمْرِ أُمَّتِي شَيْئًا فَرَفَقَ بِهِمْ فَارْفُقْ بِهِ».

Yashikirijwe na Muslimu
Inyigishi y'intumwa yemewe
Ugusobanura

Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yarasabiye nabi uwo wese ashingwa amabanga ku kintu ico ari co cose mu bijanye no gutunganiriza abislamu, haba ari ku kintu gito canke kinini, yaba ari mu mabanga yo ku rwego rwo hejuru yo kuragizwa vyose, canke mu mabanga yo ku rwego rwo hasi yo kuragizwa bimwe muri ayo mabanga, hanyuma akaremereza abo ajejwe gutunganiriza (akabananiza), ntanarazwe ishinga no kuborohereza, ko Imana Allah Yoca Imuha impera isa n'igikorwa ciwe, maze Ikamuremereza mu kumunaniza mabanga yiwe nka kurya yabaremereje. mu kubananiza. N'uko uworohereza abo ajejwe mu kubatunganiriza, Imana Allah Yoheza Ikamworohereza mu mabanga yiwe nka kurya yaborohereje.

Zimwe mu nyungu ziri muri iyi nyigisho y'intumwa:

Ni ngombwa ku wushinzwe gutunganiriza abislamu ku kintu ico ari co cose, ko aborohereza mu buryo bwose ashoboye ku vyo bakeneye.

Impera y'ingere ku yindi (Impera y'umuntu ku co yakoze, yisunga ubwoko bw'ico gikorwa nyene).

Urugezo rufatirwako mu kumenya iyoroherezwa canke iremerezwa ry'abo umuntu ajejwe, ni kuri birya bidaciye kubiri n'Igitabu ca Qor'ani hamwe n'imigenzo n'inyigisho vy'intumwa.

Ibitabu vyisunzwe mu kwandika

Igitabu "Swahiihu Muslim" (3/ 1458) (1828).

Ivyiyongeyeko (6)

فتح ذي الجلال والاكرام بشرح بلوغ المرام.

لابن عثيمين (6/ 367).

منحة العلام في شرح بلوغ المرام.

لعبد الله الفوزان (10/ 224).

توضيح الأحكام من بلوغ المرام.

للبسام (7/ 419).