Skip to content
Surah List /

الكَهف

الكَهف is chapter 18 of the Quran and has 110 verses. This page presents it in full in the Uthmani script, with a verse-by-verse translation of its meaning.

110 Ayahs Surah No. 18
Go to ayah
Ikirundi · Gehiti
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ ٱلَّذِيٓ أَنزَلَ عَلَىٰ عَبۡدِهِ ٱلۡكِتَٰبَ وَلَمۡ يَجۡعَل لَّهُۥ عِوَجَاۜ

Nihashimagizwe Imana Allah Yamanuriye Igitabu ca Qor’ani, Umuja wayo akaba n’Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kandi ntiyigeze Ishira muri nya Gitabu ca Qor’ani ingingo n’imwe idashingiye ku kuri.

قَيِّمٗا لِّيُنذِرَ بَأۡسٗا شَدِيدٗا مِّن لَّدُنۡهُ وَيُبَشِّرَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ ٱلَّذِينَ يَعۡمَلُونَ ٱلصَّٰلِحَٰتِ أَنَّ لَهُمۡ أَجۡرًا حَسَنٗا

Imana Allah, Yagize nya Gitabu ca Qor’ani kuba kigororotse, kitagiramwo amakenga n’ivuguruzanya mu ngingo zaco, kugira kigabishe abagarariji ku bihano bikaze vy’Imana Allah, congere gishikirize inkuru nziza ihumuriza abemeramana bakora ivyiza bitegetswe, ko mu vy’ukuri bategekanirijwe impembo nziza y’Ubwami bw’ijuru;

مَّٰكِثِينَ فِيهِ أَبَدٗا

Bazoba muri nya Bwami bw’ijuru ibihe bidahera, bari mu nema zamaho.

وَيُنذِرَ ٱلَّذِينَ قَالُواْ ٱتَّخَذَ ٱللَّهُ وَلَدٗا

Iyo Ntumwa iri ng’aho kandi kugira igabishe ku bihano vy’Imana Allah ababangikanyamana bavuze barementaniriza Imana Allah ko Yigeneye umwana.

مَّا لَهُم بِهِۦ مِنۡ عِلۡمٖ وَلَا لِأٓبَآئِهِمۡۚ كَبُرَتۡ كَلِمَةٗ تَخۡرُجُ مِنۡ أَفۡوَٰهِهِمۡۚ إِن يَقُولُونَ إِلَّا كَذِبٗا

Ababangikanyamana nta n’ubumenyi bafise bokwisunga mu kwemeza ko Imana Allah Yigeneye koko umwana, eka n’abavyeyi babo bakurikiye muri iryo rementanya, na bo nyene nta bumenyi bari bafise bwo kurishimangira. Iryo jambo riva mu kanwa kabo rero, ryo kwomekera umwana ku Mana Allah, ni ribi cane, kanatsinda ntibavuga kiretse ikinyoma cambaye ubusa.