Skip to content
الكَهف /

Ayah 50

18 : 50

Ayah 50 of الكَهف (18 : 50). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

الكَهف Ayahs 110
Surah · الكَهف
Ikirundi · Gehiti
18 : 50

وَإِذۡ قُلۡنَا لِلۡمَلَٰٓئِكَةِ ٱسۡجُدُواْ لِأٓدَمَ فَسَجَدُوٓاْ إِلَّآ إِبۡلِيسَ كَانَ مِنَ ٱلۡجِنِّ فَفَسَقَ عَنۡ أَمۡرِ رَبِّهِۦٓۗ أَفَتَتَّخِذُونَهُۥ وَذُرِّيَّتَهُۥٓ أَوۡلِيَآءَ مِن دُونِي وَهُمۡ لَكُمۡ عَدُوُّۢۚ بِئۡسَ لِلظَّٰلِمِينَ بَدَلٗا

Ibuka n’igihe Twebwe Allah, Twabwiriza abamalayika hamwe na Ibilisi Duti: “Nimwubamire Adamu mumuhe icubahiro kimukwiye”, abamalayika baraheza baragamburuka barubama, kiretse Ibilisi yakomoka mu Majini yanse kumwubamira, gutyo acika ikigaba ku kutubahiriza ibwirizwa ry’Imana yiwe Rurema Allah. Bantu! None ni gute mwogira Ibilisi n’uruvyaro rwiwe abahagarikizi banyu mwumvira, ha kunyumvira Jewe Allah, kandi ari bo bansi banyu! Ni bibi cane rero kugamburuka kw’abirenganya mu kwumvira shetani ha kwumvira Imana Allah.

Explanation & meanings · 1
  1. Ibilisi, ni izina ry’ikiremwa ca mbere mu Majini, ni na co cahavuye kiba inkomoko y’amajini. Mu Majini rero harimwo abemeramana hakabamwo n’abagarariji (amashetani).