Skip to content
الكَهف /

Ayah 29

18 : 29

Ayah 29 of الكَهف (18 : 29). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

الكَهف Ayahs 110
Surah · الكَهف
Ikirundi · Gehiti
18 : 29

وَقُلِ ٱلۡحَقُّ مِن رَّبِّكُمۡۖ فَمَن شَآءَ فَلۡيُؤۡمِن وَمَن شَآءَ فَلۡيَكۡفُرۡۚ إِنَّآ أَعۡتَدۡنَا لِلظَّٰلِمِينَ نَارًا أَحَاطَ بِهِمۡ سُرَادِقُهَاۚ وَإِن يَسۡتَغِيثُواْ يُغَاثُواْ بِمَآءٖ كَٱلۡمُهۡلِ يَشۡوِي ٱلۡوُجُوهَۚ بِئۡسَ ٱلشَّرَابُ وَسَآءَتۡ مُرۡتَفَقًا

Ntumwa y’Imana! Bwira abagoswe uti: “Burya, ukuri nabazaniye kuva ku Mana yanyu Rurema Allah. Kubera ivyo rero, uwushaka kwemera muri mwebwe, aremera ku neza yiwe; uwushaka kugarariza na we, aragarariza, azoheza abibazwe ku gatwe kiwe”. Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twarategekanirije abirenganya mu kugarariza, umuriro ubakikuje ku mpande zose; nibagira ngo baratabaje ngo babahembure, bazotabarwa mu guhembuzwa amazi asebuye akaryimara nk’amavuta y’ibinure yahiye, ashishura urukoba rwo mu maso. Ico rero ni co kinyobwa kibi cane bazohembuzwa, n’uwo muriro ni bwo bushikiro bubi cane.