Skip to content
Surah List /

يُوسُف

يُوسُف is chapter 12 of the Quran and has 111 verses. This page presents it in full in the Uthmani script, with a verse-by-verse translation of its meaning.

111 Ayahs Surah No. 12
Go to ayah
Ikirundi · Gehiti
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

الٓرۚ تِلۡكَ ءَايَٰتُ ٱلۡكِتَٰبِ ٱلۡمُبِينِ

Alif Laam Raa. Izi ni Aayah z’Igitabu Qor’ani gitomoye neza, mu nsiguro, mu ngingo z’ibirekuwe n’ibizira no mu burongozi bwaco.

Explanation & meanings · 1
  1. Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara.

إِنَّآ أَنزَلۡنَٰهُ قُرۡءَٰنًا عَرَبِيّٗا لَّعَلَّكُمۡ تَعۡقِلُونَ

Mu vy’ukuri, Twebwe Allah Twamanuye Qor’ani mu rurimi rw’icarabu kugira mutahure mubone kwubahiriza ibirimwo.

نَحۡنُ نَقُصُّ عَلَيۡكَ أَحۡسَنَ ٱلۡقَصَصِ بِمَآ أَوۡحَيۡنَآ إِلَيۡكَ هَٰذَا ٱلۡقُرۡءَانَ وَإِن كُنتَ مِن قَبۡلِهِۦ لَمِنَ ٱلۡغَٰفِلِينَ

Ntumwa y’Imana! Twebwe Allah Tugucira agace ku vyabaye Tukabiguhishurira muri Qor’ani, nta n’ico wari ubiziko imbere yuko Tuguhishurira Tukabikwiganira.

إِذۡ قَالَ يُوسُفُ لِأَبِيهِ يَٰٓأَبَتِ إِنِّي رَأَيۡتُ أَحَدَ عَشَرَ كَوۡكَبٗا وَٱلشَّمۡسَ وَٱلۡقَمَرَ رَأَيۡتُهُمۡ لِي سَٰجِدِينَ

Ntumwa y’Imana! Iganira abantu warungitsweko ijambo Yusufu yabwiye se ati: “Da! Ni ukuri, narose mbona inyenyeri cumi n’imwe, izuba hamwe n’ukwezi, narose mbona vyose binyubamira”.

Explanation & meanings · 1
  1. Iyi ndoto, yabura inkuru nziza ku cubahiro n’iteka ridasanzwe Yusufu yahawe kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.

قَالَ يَٰبُنَيَّ لَا تَقۡصُصۡ رُءۡيَاكَ عَلَىٰٓ إِخۡوَتِكَ فَيَكِيدُواْ لَكَ كَيۡدًاۖ إِنَّ ٱلشَّيۡطَٰنَ لِلۡإِنسَٰنِ عَدُوّٞ مُّبِينٞ

Se yamwishuye ati: “Mwananje Yusufu! Iyi ndoto warose, ntuhirahire ngo uyiganire barumunawe kuko bohava bagusharika, maze bagakoresha urwenge mu kukurwanya, mu vy’ukuri shetani, ni umwansi agaragara kuri kiremwa-muntu;