Skip to content
يُوسُف /

Ayah 31

12 : 31

Ayah 31 of يُوسُف (12 : 31). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

يُوسُف Ayahs 111
Surah · يُوسُف
Ikirundi · Gehiti
12 : 31

فَلَمَّا سَمِعَتۡ بِمَكۡرِهِنَّ أَرۡسَلَتۡ إِلَيۡهِنَّ وَأَعۡتَدَتۡ لَهُنَّ مُتَّكَـٔٗا وَءَاتَتۡ كُلَّ وَٰحِدَةٖ مِّنۡهُنَّ سِكِّينٗا وَقَالَتِ ٱخۡرُجۡ عَلَيۡهِنَّۖ فَلَمَّا رَأَيۡنَهُۥٓ أَكۡبَرۡنَهُۥ وَقَطَّعۡنَ أَيۡدِيَهُنَّ وَقُلۡنَ حَٰشَ لِلَّهِ مَا هَٰذَا بَشَرًا إِنۡ هَٰذَآ إِلَّا مَلَكٞ كَرِيمٞ

Umugore w’umutware wa Misiri, amaze kwumva ukuntu ariko yandagazwa n’abagore bo mu gisagara, yahavuye abatumira iwe, abakirira ahari ubwugamo bubereye, abategurira n’imfungurwa, araheza aha imbugita umwe wese muri bo ngo bamufashe guhwata ivyo bakinjika. Ni ho rero yabwira Yusufu ati: “Sohoka”. Ba bagore bagize ngo bakubise ijisho Yusufu, bose baguye mu gahundwe ku kuntu yasa n’irirenga, batangura kwikomeretsa ku maboko batumva, baca bavuga batangara bati: “Emwegayee! Ubwiza burama! Ese ubwiza yahawe n’Imana Allah! Eka uyu muntu ntakomoka mu bwoko bw’abantu! Uyu muntu ku bwiza afise, ntashobora kuba kiretse ko ari intore y’umumalayika!”.