12 : 59
وَلَمَّا جَهَّزَهُم بِجَهَازِهِمۡ قَالَ ٱئۡتُونِي بِأَخٖ لَّكُم مِّنۡ أَبِيكُمۡۚ أَلَا تَرَوۡنَ أَنِّيٓ أُوفِي ٱلۡكَيۡلَ وَأَنَا۠ خَيۡرُ ٱلۡمُنزِلِينَ
Yaciye ategeka ko babakira, bakabazimana. Amaze kubatekerera imfungurwa bipfuza, bakaba bari bamwiganiye ko bafise mwenewabo kuri se batashoboye kuzanana, yaciye ababwira ati: “Nimwaramuka mugarutse rero, murazanana na mwenewanyu kuri so, ntimwabonye ko nabatekereye nkabagerera neza, n’uko nabakiriye nkanabazimana neza?
Explanation & meanings · 1
- Ni uwo bavukana kwa se, akaba ari we mutoya wa Yusufu basangiye se na nyina, yitwa Biniyamini.