Skip to content

"Uwufise Qor'ani mu mutwe, ku musi w'izuka azobwirwa ati: "Soma maze udugirizwe icubahiro, uheze usome neza mu bwitonzi nta ngere nka kurya wahora usoma kw'isi, mu vy'ukuri urugero rw'icubahiro cawe, rugarukira kuri Aayah ya nyuma usoma"".

Mu vyakiriwe na Abdullahi mwene Amri (Imana Allah Ibishimire bompi) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:

"Uwufise Qor'ani mu mutwe, ku musi w'izuka azobwirwa ati: "Soma maze udugirizwe icubahiro, uheze usome neza mu bwitonzi nta ngere nka kurya wahora usoma kw'isi, mu vy'ukuri urugero rw'icubahiro cawe, rugarukira kuri Aayah ya nyuma usoma"".

«يقالُ لصاحبِ القرآن: اقرَأ وارتَقِ، ورتِّل كما كُنْتَ ترتِّل في الدُنيا، فإن منزِلَكَ عندَ آخرِ آية تقرؤها».

Yashikirijwe na Abu Dawudi, Al-Tirmidhiy na Al-Nasaa-iy mu gutabu "Sunanu l-Kubraa" na Ahmad
Inyigisho nziza y'intumwa
Ugusobanura

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) arigana ko umusomyi wa Qor'ani, agendera ibirimwo akabishira mu ngiro, akama yayisomye akanayifata ku mutwe, igihe yinjiye mu Bwami bw'ijuru, azobwirwa ati: Soma Qor'ani, uheze udugirizwe icubahiro mu vyubahiro vyo mu Bwami bw'ijuru hakurikijwe urugero rw'ivyo usoma, maze rero uyisome neza nka kurya wahora uyisoma mu bwitonzi nta ngere; kuko mu vy'ukuri urugero rw'iduzwa ry'icubahiro cawe, ruza kugera kuri Aayah ya nyuma usoma.

Insobanuro y'amajambo

...:

Zimwe mu nyungu ziri muri iyi nyigisho y'intumwa:

Impera yisunga itunganywa neza n'igitigiri c'ibikorwa.

Ihimirizwa ryo gusoma Qor'ani, ubuhinga bwo kuyisoma, ukuyifata ku mutwe, hamwe rero no kuzigama insiguro yayo hamwe no kuyigendera mu kuyishira mu ngiro.

Ubwami bw'ijuru, burafise ingero n'ivyubahiro vyinshi bigenda bisumbasumbana, abahawe Qor'ani ni bo bazohabwa ivyubahiro vyo hejuru yavyo.

Ibitabu vyisunzwe mu kwandika

Igitabu "Sunanu Abu Dawud" (2/ 592) (1464).

Igitabu "Sunanu Al-Tirmidhiy" (5/ 35) (2914).

Igitabu "Musnadu Ahmad" (11/ 403) (6799).

Igitabu "Al-Sunanu Al-Kubraa" ca Al-Nasaa-iy (7/ 272) (8002).

Ivyiyongeyeko (3)

معالم السنن (1/290).

تحفة الأحوذي (8/187).

عون المعبود وحاشية ابن القيم (4/ 237).