Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

36 of 183 cards

Clear filters
"Iciza, ni umuntu kurangwa n'imigenzo myiza; nayo igicumuro na co, ni kirya cose gitera amazinda mu gikiriza cawe, ukanka n'uko abantu bomenya ko wagikoze".
Inyigishi y'intumwa yemewe Inyigisho ya mbere y'intumwa yashikirijwe na Muslimu, iya kabiri yashikirijwe na Ahmad na Al-Daarimiy
"Hari ibintu bine, uwurangwa na vyo aba ari indyarya. Iyo naho aranzwe na kimwe muri vyo, aba aranzwe na kimwe mu biranga uburyarya gushika akiretse akavavanura na co. Abarangwa n'ivyo bintu bine rero: ni urya muntu iyo aganiriye abesha, n'iyo atanze isango ntaryubahiriza, n'iyo atase arerura mu gutata, n'iyo yiyemeje ikintu arahemuka".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Igihe Imana Allah Yarema Ubwami bw'ijuru hamwe n'umuriro udahera, Yatumye umumalayika Jibrili (nyakugira amahoro y'Imana Allah) mu Bwami bw'ijuru, maze Imubwira Iti: "Enda nyabuna, genda mu Bwami bw'ijuru, maze urabe ivyo Nategekanirije benebwo". Umumalayika Jibrili maze araraba ibiri muri nya Bwami, araheza aragaruka, aca abwira Imana Allah ati: "Ndarahiye ku cubahiro cawe! Nta wuzokwumva ibiri aho mbonye mu Bwami bw'ijuru, kiretse ko azoharanira kubwinjira". Imana Allah Ica Irategeka ko nya Bwami bukikuzwa n'ivyo abantu banka. Jibrili amaze kubibona araheza avuga n'impungenge n'akantu ati: "Ndarahiye ku cubahiro cawe! Ni ukuri, ndafise ubwoba n'impungenge ko ata n'umwe azoshobora kubwinjira". Imana Allah Ica Imubwira Iti: "Enda rero genda urabe umuriro n'ivyo Nategekanirije benewo". Jibrili agize ngo araravye umuriro abona uragerekeranyeko (uriko uratigita), aca aragaruka abwira Imana Allah ati: "Ndarahiye ku cubahiro cawe! Nta n'umwe azogenda awinjiye". Imana Allah Ica Itegeka ko umuriro ukikuzwa n'ivyo abantu bakunda, Iraheza Imubwira Iti: "Subirayo kandi uheze urabe uko umuriro wifashe". Jibrili agize ngo araraba nya muriro, asanga ukikujwe n'ivyo abantu bakunda", aca aragaruka abwira Imana Allah ati: "Ndarahiye ku cubahiro cawe! Ni ukuri, ndafise ubwoba n'impungenge ko ata n'umwe azorokoka umuriro ngo agende atawinjiye"".
Inyigisho nziza y'intumwa Yashikirijwe na Abu Dawudi, Al-Tirmidhiy na Al-Nasaa-iy
"Narumvise Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ivuga iti: "Imana Allah Nyenimigisha na Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Yavuze Iti: "Ewe mwene Adamu! Mu vy'ukuri wewe, igihe cose uzonsaba ukanyizera, Nzokugumiriza akabanga ku vyaha vyawe, maze ndabikubabarireko uko bizoba bingana kwose ata na kimwe Ninona. Ewe mwene Adamu! Mu gihe ivyaha vyawe vyogwirirana bikagera mw'ijuru, hanyuma ukabinsabako ikigongwe, Nokugumirije akabanga ku vyaha vyawe, maze Nkabikubabarirako ata na kimwe Ninona. Ewe mwene Adamu! Mu vy'ukuri wewe, mu gihe woza iwanje ufise ibicumuro vyuzuye isi, hanyuma ugahura nanje mu nyuma yo gupfa utigeze umbangikanya na kimwe mu biremwa, ni ukuri uzonsanga Ndakuzaniye ikigongwe cuzuye isi".
Inyigisho nziza y'intumwa Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy
Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yasomye iyi Aayah: {Ntumwa y’Imana! Ni Yo Yonyene Yakumanuriye Qor’ani; muri yo harimwo Aayah zitomoye cane mu nsiguro, ni zo shimikiro yisungwa iyo hagize ikibadidanira mu nsiguro. Harimwo rero n’izindi Aayah zifobetse, zishobora kugira insiguro iyi n’iyindi, gutyo insiguro yazo nyayo ikagenwa na Aayah zitomoye. Abafise rero imitima yahuvye, baraheza bagakurikira muri zo Aayah zifobetse gusa, barondera guta abantu mu madidane (mu rudubi) ngo babahuvye, mu ntumbero ihuye n’insiguro bipfuza. Nta n’uwuzi insiguro nyayo y’ukuri ya Aayah zifobetse atari Imana Allah. Abamenyi babushitse na bo bavuga bati: “Twaremeye Qor’ani, ibirimwo vyose vyadushikiriye bivuye ku Mana yacu Rurema Allah”, bagaheza bagatahura insiguro ya Aayah zifobetse bisunze insiguro ya Aayah zitomoye, kandi rero nta wutahura insiguro yazo nyayo atari incabwenge koko} (Aali Imraani: 7), Aisha yavuze ati: "Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) imaze kuyisoma ica ivuga iti: "Ewe Aisha! Niwabona rero abakurikira muri Qor'ani Aayah zifobetse gusa, uramenya ko ari bo Imana Allah Yavuze (muri iyi Aayah), muraheza rero mubiyubare"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Umuriro wanyu mukoresha kw'isi, ni igice kimwe mu bice mirongo indwi vy'umuriro wa Jahannamu". Hari uwaciye abaza ati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Umuriro wo kw'isi dukoresha, ni ukuri urakwiye kuba woturira ibintu bigahona". Yaciye imwishura iti: "Uwo muriro mubona rero, urushwa ubukazi n'umuriro wa Jahannamu ku bice mirongo itandatu n'icenda, igice kimwe cose muri vyo gifise ubushuhe nk'ubw'uwu muriro wanyu mubona"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Hari ibintu bine, uwurangwa na vyo aba ari indyarya igaragara, uwuranzwe na kimwe muri vyo, aba aranzwe na kimwe mu bintu biranga indyarya gushika igihe avavanuye na co: iyo agize ngo araganiriye, arabesha; n'iyo agize ngo ariyemeje ikintu, arahemuka ntagishitsa; n'iyo agize ngo aratanze isezerano ntaryubahiriza; n'iyo hagize uwo batase, arerura mu kumucokora".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Ntimugasharikane, ntimukaduganirizeko ibiciro mu guta mu rudubi abaguzi, ntimukankane urunuka, ntimugahane umugongo mu guca ubuvandimwe n'ubucuti, ntihakagire muri mwebwe abagurishiriza ikidandazwa ku kindi camaze kugurishwa na bamwe muri mwebwe, muraheza rero mube abaja b'Imana Allah b'abavukanyi. Burya umwislamu ni mwenewabo w'uwundi mwislamu; ntarota amurenganya, eka ntanamwihakana ngo areke kumutabara, kandi ntahirahira ngo amukengere, burya rero nyabuna igamburukiramana nyaryo riri ng'aha", ica ibisubiramwo incuro zitatu itunga n'urutoki ku gikiriza cayo, iraheza ivuga iti: "Birakwiye ku muntu kuba ari ikibi, gukengera mwenewabo w'umwislamu; burya umwislamu wese, ni ikizira kikaziririzwa kuri we: gusesa amaraso y'uwundi mwislamu, kumwambura amatungo yiwe, hamwe rero no kumuhungabaniriza agateka n'icubahiro vy'umuryango wiwe".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu