Skip to content
Surah List /

الطَّارق

الطَّارق is chapter 86 of the Quran and has 17 verses. This page presents it in full in the Uthmani script, with a verse-by-verse translation of its meaning.

17 Ayahs Surah No. 86
Go to ayah
Ikirundi · Gehiti
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

وَٱلسَّمَآءِ وَٱلطَّارِقِ

Jewe Allah, Ndarahiye kw’ijuru no ku giserukajoro!

وَمَآ أَدۡرَىٰكَ مَا ٱلطَّارِقُ

Ni igiki cokumenyesha ico ari co igiserukajoro?

ٱلنَّجۡمُ ٱلثَّاقِبُ

Ni inyenyeri yakaka.

إِن كُلُّ نَفۡسٖ لَّمَّا عَلَيۡهَا حَافِظٞ

Ndarahiye kuri ivyo vyose, ko ata muntu n’umwe kiretse ko afise umubungabunzi azigama ibikorwa vyiwe mu bamalayika, kugira azobihemberwe!

فَلۡيَنظُرِ ٱلۡإِنسَٰنُ مِمَّ خُلِقَ

Umuntu ahakana izuka ry’ibiremwa rero, niyitegereze ico yaremwemwo, aheze amenye ko izurwa ryiwe ritagoye nk’iremwa ryiwe!