Skip to content
Surah List /

الأحزَاب

الأحزَاب is chapter 33 of the Quran and has 73 verses. This page presents it in full in the Uthmani script, with a verse-by-verse translation of its meaning.

73 Ayahs Surah No. 33
Go to ayah
Ikirundi · Gehiti
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّبِيُّ ٱتَّقِ ٱللَّهَ وَلَا تُطِعِ ٱلۡكَٰفِرِينَ وَٱلۡمُنَٰفِقِينَۚ إِنَّ ٱللَّهَ كَانَ عَلِيمًا حَكِيمٗا

Ewe Muvugishwamana! Shishikara ugamburukira Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, kugira ubere akarorero keza abemeramana, kandi ntukumvire abagarariji n’indyarya. Mu vy’ukuri Imana Allah, Yamye ari Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ikora.

وَٱتَّبِعۡ مَا يُوحَىٰٓ إِلَيۡكَ مِن رَّبِّكَۚ إِنَّ ٱللَّهَ كَانَ بِمَا تَعۡمَلُونَ خَبِيرٗا

Uraheza rero ukurikire ivyo uhishurirwa n’Imana yawe Rurema muri Qor’ani hamwe n’imigenzo myiza. Mu vy’ukuri Imana Allah, Yamye Izi ivyo mukora vyose, ni Yo Muhetuziwavyose.

وَتَوَكَّلۡ عَلَى ٱللَّهِۚ وَكَفَىٰ بِٱللَّهِ وَكِيلٗا

Ishimikize Imana Allah mu kuyizera mu vyawe vyose unayiture, burya Imana Allah Irakwiye kuba Umuhagarikizi w’uwuyizeye.

مَّا جَعَلَ ٱللَّهُ لِرَجُلٖ مِّن قَلۡبَيۡنِ فِي جَوۡفِهِۦۚ وَمَا جَعَلَ أَزۡوَٰجَكُمُ ٱلَّٰٓـِٔي تُظَٰهِرُونَ مِنۡهُنَّ أُمَّهَٰتِكُمۡۚ وَمَا جَعَلَ أَدۡعِيَآءَكُمۡ أَبۡنَآءَكُمۡۚ ذَٰلِكُمۡ قَوۡلُكُم بِأَفۡوَٰهِكُمۡۖ وَٱللَّهُ يَقُولُ ٱلۡحَقَّ وَهُوَ يَهۡدِي ٱلسَّبِيلَ

Imana Allah, ntiyigeze Ishira mu gikiriza c’umugabo n’umwe imishaha ibiri, kandi ntiyigeze Igira n’abakenyezi banyu muziririza mu ndahiro, kuba ba nyoko basanzwe bazira kuri mwebwe kubabira, ntiyigeze Inagira abana mureze, kuba abana banyu bwite. Iryo ziririzwa ry’abakenyezi n’iry’ukwiyomekera abana mureze, ni iryo mwishingira bivuye mu kanwa kanyu gusa, nta ngingo n’imwe y’Imana Allah rishingiyeko. Burya, Imana Allah Ivuga ukuri, Ikanarongora mu nzira igororotse.

Explanation & meanings · 2
  1. Ukuziririza umukenyezi mu ndahiro, ni kurya umugabo abwira umugore wiwe ati: “Wewe kuri jewe uri ikizira nko gusubira ku mugongo w’umuvyeyi wanje amvyara; gusubira kw’ibere”. Muri ico gihe rero nya mugore aca aba ikizira kuri we nka nyina amuvyara. Iyo ngingo yubahirizwa ukwo imbere yuko ubwislamu buza, mu nyuma rero iyo ngingo yahavuye ihagarikwa kuko ishingiye ku kinyoma mu kuziririza ibitaziririjwe n’Imana Allah.
  2. Mu bijanye n’ibizira canke ibirekuwe kuri mwebwe; nko mu gutorana canke mu kwabirana.

ٱدۡعُوهُمۡ لِأٓبَآئِهِمۡ هُوَ أَقۡسَطُ عِندَ ٱللَّهِۚ فَإِن لَّمۡ تَعۡلَمُوٓاْ ءَابَآءَهُمۡ فَإِخۡوَٰنُكُمۡ فِي ٱلدِّينِ وَمَوَٰلِيكُمۡۚ وَلَيۡسَ عَلَيۡكُمۡ جُنَاحٞ فِيمَآ أَخۡطَأۡتُم بِهِۦ وَلَٰكِن مَّا تَعَمَّدَتۡ قُلُوبُكُمۡۚ وَكَانَ ٱللَّهُ غَفُورٗا رَّحِيمًا

Abana mureze rero, murabitirira amazina ya ba se babavyara, ico ni co ciza kandi ni na bwo butungane buva ku Mana Allah. Nimutamenya amazina ya ba se babavyara, muri ico gihe, murabita benewanyu mw’idini n’abanywanyi banyu. Nta n’icaha kuri mwebwe kiri mu vyo mwakosheje mutabigize nkana, ariko Imana Allah Ibahanira ivyo mugize nkana. Burya Imana Allah, Yamye ari Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.