Skip to content
Surah List /

السَّجدة

السَّجدة is chapter 32 of the Quran and has 30 verses. This page presents it in full in the Uthmani script, with a verse-by-verse translation of its meaning.

30 Ayahs Surah No. 32
Go to ayah
Ikirundi · Gehiti
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

الٓمٓ

Alif Laam Miim.

Explanation & meanings · 1
  1. Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara.

تَنزِيلُ ٱلۡكِتَٰبِ لَا رَيۡبَ فِيهِ مِن رَّبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ

Iyi Qor’ani yamanuriwe Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), nta makenga ko yamanuwe ivuye ku Mana Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose.

أَمۡ يَقُولُونَ ٱفۡتَرَىٰهُۚ بَلۡ هُوَ ٱلۡحَقُّ مِن رَّبِّكَ لِتُنذِرَ قَوۡمٗا مَّآ أَتَىٰهُم مِّن نَّذِيرٖ مِّن قَبۡلِكَ لَعَلَّهُمۡ يَهۡتَدُونَ

Ahubwo nyene rero ababangikanyamana, ntibavuga ko Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yarementanije Qor’ani! Baranguha! Ntumwa y’Imana! Ahubwo Qor’ani, ni kwo kuri wamanuriwe n’Imana yawe Rurema Allah, kugira ugabishe abantu batigeze bashikirwa hambere yawe n’Umugabisha ku bihano vy’Imana Allah, kumbure hari n’aho botumbera inzira igororotse, bagaheza bakakwemera.

ٱللَّهُ ٱلَّذِي خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ وَمَا بَيۡنَهُمَا فِي سِتَّةِ أَيَّامٖ ثُمَّ ٱسۡتَوَىٰ عَلَى ٱلۡعَرۡشِۖ مَا لَكُم مِّن دُونِهِۦ مِن وَلِيّٖ وَلَا شَفِيعٍۚ أَفَلَا تَتَذَكَّرُونَ

Imana Allah, ni Yo Yaremye amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo mu misi itandatu, hanyuma Iraheza Irahangama hejuru y'ibiremwa vyose ku Buhangamo bwayo "Al’Arsh" mu buryo buberanye n'icubahiro cayo. Bantu! Nta muhagarikizi mufise abatunganiriza ivyanyu havuye Imana Allah, eka nta n’uwubavugira mufise yobakurako ibihano vyayo atari ku burenganzira bwayo. Ubwo none, ntimwokwibuka mukamenya ko Imana Allah Ikwiye gusengwa ari Imwe Rudende Itabangikanywa!

Explanation & meanings · 2
  1. Imana Allah Yaremye amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo mu misi itandatu ku mvo Yo Yonyene Izi, ni na Yo Ishoboye kurema mu kubwira ikintu Iti: “Ba”, kigaca kiba ubwo nyene.
  2. Uguhangama kw’Imana Allah ntikugereranywa n’uguhangama kw’ibiremwa.

يُدَبِّرُ ٱلۡأَمۡرَ مِنَ ٱلسَّمَآءِ إِلَى ٱلۡأَرۡضِ ثُمَّ يَعۡرُجُ إِلَيۡهِ فِي يَوۡمٖ كَانَ مِقۡدَارُهُۥٓ أَلۡفَ سَنَةٖ مِّمَّا تَعُدُّونَ

Itunganiriza ibiremwa vyose kw’itegeko rivuye mw’ijuru rikamanuka kw’isi, hanyuma nya tegeko rigasubira kuri Yo ku musi ungana n’imyaka igihumbi, mufatiye ku kirangamisi co kw’isi.