Skip to content
الأحزَاب /

Ayah 55

33 : 55

Ayah 55 of الأحزَاب (33 : 55). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

الأحزَاب Ayahs 73
Surah · الأحزَاب
Ikirundi · Gehiti
33 : 55

لَّا جُنَاحَ عَلَيۡهِنَّ فِيٓ ءَابَآئِهِنَّ وَلَآ أَبۡنَآئِهِنَّ وَلَآ إِخۡوَٰنِهِنَّ وَلَآ أَبۡنَآءِ إِخۡوَٰنِهِنَّ وَلَآ أَبۡنَآءِ أَخَوَٰتِهِنَّ وَلَا نِسَآئِهِنَّ وَلَا مَا مَلَكَتۡ أَيۡمَٰنُهُنَّۗ وَٱتَّقِينَ ٱللَّهَۚ إِنَّ ٱللَّهَ كَانَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ شَهِيدًا

Nta caha kiri ku bagore bemera Imana Allah, mu kutitwikira mu gihe bari kumwe na ba se, bari kumwe n’abahungu babo, basaza babo, abahungu ba basaza babo canke ba benewabo, bari kumwe n’abemeramanakazi hamwe rero n’abo bagaba bakaganza mu bashumba babo. Ivyo bikaba biri ukwo, kuko bakenerana kenshi mu dukorwa twabo twa misi yose. Bemeramanakazi! Nimwikingire ibihano vy’Imana Allah, mu kutarenga ku mabwirizwa yayo. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irabona neza ibikorwa vyose vy’ibiremwa; ibihishije n’ibigaragara, kandi Izobibihembera.

Explanation & meanings · 1
  1. Amabwirizwa abakenyezi b’abemeramanakazi babuzwa kurengako ng’aha, ni ukugaragariza ibisharizo bambaye abatarekuriwe kubibona, hamwe rero no kutitwikira mu gihe bari kumwe n’abatarekuriwe kubabona mu bagabo n’abagore batitwikiriye.